Russia: Alexei Navalny yagiriza Vladimir Putin ko ari we yamuhaye isumu

Navalny yavuye mu bitaro i Berlin mu ndwi iheze

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Navalny yavuye mu bitaro i Berlin mu ndwi iheze

Wa Murusiya arongoye abatavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya Alexei Navalny avuga ko azi neza ko Perezida Vladimir Putin ari we yamuhaye isumu.

Yabwiye ikinyamakuru Der Spiegel co mu Budagi ati: "Ndemeza ko Putin ari we yakoze iki kibi, nta nsiguro yindi n'imwe mfise".

Ubudagi, aho bwana Navalny ariko aratorera mitende, buvuga ko yari yahawe isumu yo mu bwoko bwa Novichok. Ibigo vy'ipimiro vyo mu Bufaransa na Suwede vyaremeje ibipimo.

Kremlin, ibiro vy'umukuru w'igihugu c'u Burusiya, irahakana uruhara urwo ari rwo rwose.

Yishura ibibazo n'abanyamakuru kuri uyu wa kane, umuvugizi wa Perezida Putin avuga ko ata kintu cerekana ko Bwana Navalny yahawe iyi sumu, ahubwo akaba yagirije ikigo kijejwe igendereza ca Amerika CIA ko kiriko gikoresha uyu munyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi.

Bwana Navalny yarwariye mu ndege yari imukuye mu karere ka Siberia mu Burusiya ku wa 20 z'ukwa munani. Inyuma y'iminsi ibiri, yasimbanywe ku bitaro Charité biri ku mugwa mukuru w'Ubudagi, Berlin.

Mu kiganiro yagiranye na Der Spiegel kuri uno wa kane - kikaba ari co ca mbere kuva arwaye - Bwana Navalny avuga ko itegeko ryo kumuha isumu ya Novichok rishobora kuba ryavuye ku bategetsi b'ibigo bitatu gusa bijejwe igendereza mu Burusiya, ibi navyo bikaba bigendera ku mategeko ya Vladimir Putin.

Ati: "Iyo abantu mirongo itatu ari bo bonyene bafise uburenganzira bwo gushikira ibikoresho vy'ubumara, atari batatu gusa, ibibiba bibangamiye umutekano w'isi yose".What are Novichok nerve agents?

Mu ntango, abanywanyi biwe bari bazi ko iyi sumu yari yayihawe mu cayi yanywereye ku kibuga c'indege ca Tomsk, ariko mu nyuma bagiye gusanga yayihawe mu mazi yanywereye mw'ihoteri yarayemwo mw'ijoro ry'imbere y'aho.

Avuga ivyamubayeko, Bwana Navalny avuga ati: "Ntiwigera wumva ububabare, ariko urabone neza na neza ko uriko urapfa".

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Alexei Navalny n'umugore wiwe, Yulia Navalnaya, bifotoreje ku bitaro Charité yariko avurirwamwo i Berlin mu Budagi

Cabaye igihamana kubona yarashoboye kuvurwa mu buryo bwihuta akaba akiri muzima. Ati: "Ahandi hoho rwari kuba urupfu ruteye amakenga".

Kremlin yafashe 'amategeko ruhasha'

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Abajijwe igituma Perezida Putin yoba yashatse kumwica, Bwana Navalny yavuze ko ari ukubera imyiyerekano iheruka mu ntara ya Khabarovsk iri mu buseruko bw'Uburusiya.

Afatira ku myiyerekano yamaze indwi zitari nke yo kwiyamiriza ubutegetsi inyuma y'amatora yateye impari, akavuga ati: "Kremlin yahavuye ibona ko ikeneye gufata amategeko ruhasha kugira ngo 'ibiriko biba muri Belarus' ntibihave biba".

"Ubutegetsi buriko burirwanira kugira ntibutembagare, rero ibitubako ni ingaruka".

Bwana Navalny yavuye mu bitaro i Berlin mu ndwi iheze ubu akaba abandanya akoreshwa imyimenyerezo ngororangingo kugira bimufashe gukira.

Mu ndwi iheze, umuvugizi wiwe avuga ko amakonte yiwe yugawe, inzu ziwe nazo zafashwe, ariko Bwana Navalny yabwiye Der Spiegel ko agitegura gusubira mu Burusiya.

Ati: "Kudataha vyoba bisigura ko Putin ashitse ku ntumbero yiwe... Putin sinshobora kumuha aka karyo mu kudasubira mu Burusiya".

Umuryango w'ibihugu vya Bulaya hamwe n'ibindi bihugu bitari bike bisaba Uburusiya gukora amatohoza kw'isumu Bwana Navalny yahawe.

Mu 2018, iyi sumu ya Novichok yarakoreshejwe mu gushaka kwica uwahoze akora mu biro vy'igendereza vy'Uburusiya Sergei Skripal, n'umukobwa wiwe mu gisagara ca Salisbury mu Bwongereza.

Aba bompi bararokotse ariko uwundi mugore yakorakoye iyo sumu, Dawn Sturgess wewe yahavuye yitaba Imana.

Ubwongereza bwaragirije urwego rwa gisirikare rujejwe igendereza mu Burusiya ko ari rwo rwakoze ico gitero.

Ibihugu 20 vyaciye vyirukanye abakora mu biro vy'ubuserukizi hamwe n'abakora mw'igendereza vy'Uburusiya barenga 100.

Hagati aho, Moscou ivuga ko ata ruhara yigeze igira muri ivyo vyashikiye Bwana Navalny.