Mali: umugore akomoka muri Suisse yari yanyurujwe yaragandaguwe

Igihe asubira mu Bufaransa ejo k uwa gatanu, Sophie Pétronin, niwe yabwiye abategetsi b'Ubufaransa ko hari umugore atavuze izina yagandaguwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Igihe asubira mu Bufaransa ejo k uwa gatanu, Sophie Pétronin, niwe yabwiye abategetsi b'Ubufaransa ko hari umugore atavuze izina yagandaguwe

Abategetsi b'Ubuswisi batangaza ko umugore akomoka muri ico gihugu yari yanyurujwe muri Mali yagandaguwe mu kwezi guheze .

Umushikiranganji w'imigenderanire Ignazio Cassis ariyamiriza ubu bwicanyi, akavuga ko abategetsi bakiriko bararondera aho ibisigarira vyiwe vyoba biri.

Bamenye ko yishwe igihe Sophie Pétronin, umukozi w'ishirahamwe ry'abagiraneza ry'Abafaransa abimenyeshereje abategetsi b'u Bufaransa.

Umupfasoni Pétronin w'imyaka 75 yari yanyurujwe mu kwa cumi na kabiri mu 2016 akaba yagiye kurekurwa muri ino ndwi. Niwe mufaransa wanyuma yari akiri mu minwe y'abamunyuruje kw'isi yose.

Abataliyano babiri hamwe n'uwahoze arongoye abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Mali, Soumaïla Cissé, nabo nyene barekuwe muri ino ndwi.

Aba barekuwe leta nayo irekuye abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu barenga 100, bazwi ko bafitaniye imigenderanire n'umurwi al-Qaeda.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Mali ntibiramenyesha ingene aba bantu bari banyurujwe barekuwe.

Ingabo za Mali ziri kumwe n'ingabo mpuzamakungu zimaze igihe zirwanya umurwi ugendera ku vyiyumviro bikaze vya Isilamu mu buraruko bw'iki gihugu kuva mu 2012.

Ubuswisi buvuga iki?

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Mw'itangazo bwasohoye, ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Ubuswisi bumenyesha ko uyu mugore atavuzwe izina "ashobora kuba yishwe n'abari bamunyuruje…haraciye hafi ukwezi".

Rivuga ko abategetsi "bariko barakora ivyo bashoboye vyose kugira ngo bamenye ingene yishwe hamwe n'aho boshobora gutora ibisigarira vyiwe", kandi ko ubu bushikiranganji busaba ikiziga ciwe.

Ku wa kane, ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Mali vyamenyesheje ko umupfasoni Pétronin hamwe na Bwana Cissé yari yanyurujwe mu kwa gatatu ariko ariyamamaza mu matora y'abashingamateka, baciye banyarukanwa mu bitaro vy'i Bamako, mu ndege ya gisirikare bari kumwe n'aba bataliyano babiri.

Aba Bataliyano barekuwe bari Pierluigi Maccalli, umupatiri yari yanyurujwe mu 2018, hamwe na Nicola Chiacchio, yafashwe yagiye gutembera muri ako karere.

Mu gatondo ko ku wa kane, abategetsi ba Mali batangaje ko barekuwe abanyapolitike batari bake hamwe n'abasirikare bari bahagaritswe igihe haba itembagazwa ry'ubutegetsi muri iki gihugu.

Mu kw'umunani, Perezida Ibrahim Boubacar Keïta yarakombowe n'igisirikare, ariko nta kintu kinini kizwi ku bijanye n'ibiganiro vyo guhanahana impfungwa.