Kenya: Pasitori yaciriwe umunyororo w’imyaka 140 kubera yafashe ku nguvu abakobwa biwe babiri

Umukobwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Sentare muri Kenya yaciriye umupasitori umunyororo w'imyaka 140 yagiriwe n'icaha co gufata ku nguvu abakobwa biwe babiri b'imyaka 14 na 16 maze abatera inda.

Iyi ngingo ya sentare yatangajwe n'umucamanza wo mu karere ka Baricho, Anthony Mwicigi, igihe yasomera uyu mupasitori ko agiye gupfungwa imyaka 70 ku mukobwa umwe umwe wese.

Sentare yategetse ko azohabwa ibi bihano kimwe kimwe ukwaco, vyumvikana ko azomara imyaka 140 ari mw'ihobero.

Uyu mupasitori w'imyaka 51 ava mu karere ka Kirinyaga hagati na hagati muri Kenya, yemeye ko yafashe ku nguvu aba bakobwa biwe kw'itariki zitanu z'uku kwa mbere, maze aca ahagarikwa ku wa 07.

Yavuze ko yatewe n'ishetani agafata ku nguvu abakobwa biwe, aca asaba imbabazi abana biwe na sentare.

Uyu mucamanza Mwicigi w'ako karere yavuze ko uyu mupasitori we nyene ubwiwe yiyemereye icaha, aca ategeka ko asomerwa kuri uyu munsi igenekerezo rya 14 z'ukwa mbere.

Uyu mupasitori yafatiwe aho yari yinyegeje yumvise ko igiporisi kiriko kiramurondera.

Abo bakobwa biwe bompi bari basanzwe bafise umwana umwe umwe. Uwa mbere afise uw'amezi atanu, uwa kabiri nawe akagira uw'amezi indwi.