Kuba wararwaye Covid-19 bishobora gutanga 'amezi y'ubudahangarwa'

  • na Smitha Mundasad
  • Umunyamakuru akurikirana ivy'amagara
Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images

Benshi mu bantu barwaye Covid-19 baba bakingiwe gusubira kuyandura mu kiringo nibura c'amezi atanu, nk'uko vyerekanwa n'icigwa cakozwe na Public Health England.

Kuba warigeze kuyirwara bituma ugira amahirwe ashika kuri 83% yo kudasubira kuyandura, ugereranije n'ababa batarigera bayirwara, nk'uko abahinga babitoye.

Ariko baragabisha ko abantu basubira kwandura Covid-19 kandi bakanduza abandi.

Abategetsi rero bahimiriza abantu kwubahiriza amategeko yo kuguma mu ngo zabo-baba barigeze canke batigeze bandura uwo mugera.

'Rokora ubuzima'

Umwigisha wa kaminuza Susan Hopkins, yari arongoye ico cigwa, avuga ko ivyavuyemwo bitera intege, avuga ko ubudahangarwa bumara igihe kirekire gusumba uko abantu bavyibaza, ariko agashimangira ko kwikingira arico gikomeye gusumba.

Avuga ko vyateye umutima uhagaze kubona abasubiye kwandura babasangamwo urugero runini cane rw'uwo mugera, n'iyo boba ata bimenyetso berekana, kandi bakaba bashobora kwanduza abandi.

Insiguro y'amajwi,

Muganga arasubiza ibibazo byanyu kuri Coronavirus

Avuga ati: "Ibi bisigura ko naho woba wibaza ko wamaze kurwara iyo ndwara none ukaba ukingiwe, umenye ko ufise amahirwe menshi yo kudasubira kurwara cane ariko biguma bishoboka ko wandura kandi ukanduza".

Ati :"Ubu gusumba na mbere, birakenewe cane ko tuguma i muhira kugira dukingire igisata cacu c'amagara y'abantu twongere turokore ubuzima."

Kuva mu kwezi kwa gatandatu gushika mu kwa cumi na rimwe mu 2020, hafi abantu ibihumbi 21.000 bakora kwa muganga mu Bwongereza bwose baragiye barapimwa kugira basuzumwe ko;

  • ata mugera bafise muri uwo mwanya
  • ata bigeze kwandura muri kahise
Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Mu batasanganywe abasirikare b'umubiri bo kurwanya uwo mugera, bisigura ko atawo bigeze bandura, 318 barawanduye muri ico kiringo nk'uko ibipimo vyavyerekanye.

Ariko ku bantu 6.614 bari bafise abasirikare mu mubiri, ico gitigiri cabaye 44 gusa.

'Amahirwe y'igihe kirekire'

Abahinga bazokomeza gukurikirana abakozi bo kwa muganga mu kiringo c'amezi 12 kugira barabe igihe ubudahangarwa bushobora kumara.

Bazokurikiranira hafi kandi abanduye ubwoko bushasha bwa corona-kuko butari bwakwiragire cane igihe iki cigwa cakorwa-bongere barabe ubudahangarwa bw'abahawe urukingo.

Muganga Julian Tang, umuhinga w'imigera kuri kaminuza ya Leicester, avuga ko ivyo batoye muri iki cigwa bihumuriza abakozi bo kwa muganga.

Yongeye ati: "Guhabwa urukingo imyuma yo gukira Covid-19 nta kibazo...kandi bishobra kwongereza ubudahangarwa umuntu asanganywe.

"Turabibona no ku rukingo rw'igihe ku bicurane.

"Twizigiye ko ibiri muri iki cigwa bizogabanya amakenga ya bagenzanje b'abakozi bo kwa muganga bafise ubwoba bwo kandura Covid-19 ubugira kabiri."