Uganda: Uwahoze ari musenyeri mukuru wa Anglican yahagaritswe yagirijwe kurenga ibigo

Ntagali

Ahavuye isanamu, The Observer

Ishengero rya Anglican muri Uganda ryahagaritse uwahoze ari musenyeri mukuru Stanley Ntagali, mu mabanga yo gusoma misa no guserukira iryo shengero gushika ingingo ihindutse, yagirizwa kurenga ibigo.

Ntagali yatanze imihoho mu mabanga mu kwa gatatu kw'umwaka uheze inyuma y'imyaka 43 yari amaze ari umupasitori.

Mw'itangazo ryasohowe ku wa 13 z'uku kwa mbere ku rubuga ngurukanabumenyi rw'ishengero rya Anglican, uwamusubiriye, Dr. Stephen Samuel Kaziimba, yavuze ko Ntagali yarenze ibigo aryamana n'umugore afise umugabo, kandi na we nyene akaba yaravyiyemereye.

Dr Kaziimba ati: "Yarahemukiye ibiro vy'abepiskopi, arenga indahiro yiwe yo kwimikwa, hamwe n'ivyo yari yiyemeje mu nyifato yiwe."

Dr Kaziimba avuga ko ishengero rya Uganda ryiyemeje gukorera mu muco no kwitwararika abo bose bagizweko ingaruka n'ivyabaye, asaba ko abagore bompi bosengerwa, abihana bakihana, abakizwa bagakizwa.

Musenyeri mukuru wa Anglican muri Amerika ya Ruguru, Foley Beach, na we nyene yasohoye itangazo aho avuga ko ababajwe n'ivyabaye.

Ati: "Stanley ni mwenewacu muri Kristo, kandi ndashima ingene twakoranye mu myaka iheze. Birambabaje cane kwumva ko yatirimutse kw'ibanga".

"Ndasaba Imana ko Stanley yobandanya n'inzira yo kwihana, yongere ihe ukwihangana abo bose bakozweko n'icaha ciwe".

Uyu yahoze ari umwepiskopi mukuru ntiyabonetse kugira ngo ashobore kugira ico abivugako.

Ariko abanya Uganda bazokwama bamwibukira ku majambo yavuze ku vyo yafata nk'ubutabanga mu gihugu.

Mu 2019, yasubiwemwo n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu ariko ahanura abantu ko "bokwigumya mu vyipfuzo vyabo mu bijanye n'uguhuza ibitsina".

Ishengero Anglican muri Uganda rifise abanywanyi bashika imiriyoni 13.