Raba ingene Trump yavuye muri Maison Blanche/White House ubwa nyuma nk'umukuru w'igihugu

Raba ingene Trump yavuye muri Maison Blanche/White House ubwa nyuma nk'umukuru w'igihugu

Donald Trump yavuye muri Maison Blanche/White House, nibwo bwa nyuma yabonetse kuri ivyo biro nk'umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Trump n'umutambukanyi wiwe Melania bahavuye bareruwe na kajugujugu ya Marine One hasigaye amasaha makeya ngo uwumusubiriye Joe Biden, arahire, ibirori ataja kwitaba.

Mary Trump, mwishwa wa Donald Trump, yavuze ko yumva afise umunezero kubona ubutegetsi bwa Perezida Trump burangiye.

Mu mwaka urangiye yasohoye igitabo aho yavuga ingene azi nabi Perezida Trump.

Ati: "Haracasigaye amasaha makeya, rero nta munezero ndumva munini ntabonye Perezida Biden arahiye, ariko numva umengo turarusimvye".