Kurahira kwa Biden: Prezida mushasha yarahiye Trump ntiyahahonyoza ikirenge

Prezida Joe Biden

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Prezida Joe Biden yavuze ko demokrasi muri Amerika yahangamye

Joe Biden yarahiriye kuba prezida agira 46 wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, haherahezwa uruhagarara rwa politike rudasanzwe muri kahise ka Amerika.

Nyuma yo kurahira asubiramwo amajambo y'umucamanza mukuru John Roberts, yagize ati "demokrasi yahangamye".

Prezida avuyeko Donald Trump, ataremera icese ko yatsinzwe na Bwana Biden, ntiyitavye umuhango w'uno munsi.

Prezida mushasha yatangaje ingingo nyishi zigamije guhindura ubusa amategeko atari make Prezida Trump yari yarashizeko.

Kamala Harris yarahiye nk'icegera c'umukuru w'igihugu mbere ya Bwana Biden. Abaye umugore wambere - hamwe n'umwirabura w'amamuko yo muri Aziya na Amerika - agiye kugira uruhara mu bukuru bw'igihugu muri Amerika.

Insiguro ya video,

Prezida mushasha yarahijwe n'umukuru w'ubucamanza Chief Justice John G Roberts.

Umuhango wabereye ku nyubakwa ya Capital ikoreramwo inama nshingamateka na nkenguzamateka. Umutekano wari wakajijwe cane kuri iyo nyubakwa nyuma y'akaguma katewe n'abashigikiye Trump itariki 6 z'ukwambere.

Abasirikare 25.000 nibo bari bagomowe ngo bacungere umutekano w'umuhango, ariko ukaba utitabiriwe nk'uko bisanzwe n'ibihimbi amajana vy'abantu baje kuratira ijisho, kubera ikiza ca Coronavirus.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Kamala Harris yarahiye nk'icegera c'umukuru w'igihugu mbere ya Bwana Biden

Umuhango wo kurahiza abarongozi bashasha wagenze gute?

Mw'ijambo ryiwe ry'uno munsi, Bwana Biden yavuze ko ari umunsi "w'amateka n'icizere". Yongeyeko ati "umushaha wanje wose nawushize mu gusubiza Amerika nk'uko yahoze".

Ashimangira ku butumwa bw'ukwiyunga nyuma y'imyaka y'uburongozi butoroshe bwa Trump, yiyemeje kuba prezida w'"Abanyamerika bose" - harimwo n'abatamutoye.

Mu batumire b'iteka bari bitavye ibirori harimwo abamubanjirije batatu: Barack Obama - Bwana Biden akaba yaramubereye icegera mu myaka umunani - Bill Clinton na George W Bush.

Icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence nawe yari yitavye. Ntiyagiye mu gusezerwa kwa Bwana Trump kwakozwe n'igisirikare.

Ahavuye isanamu, Alex Wong

Insiguro y'isanamu,

Umuhango warimwo n'indirimbo, Lady Gaga akaba ari we yaririmvye indirimbo ihayagiza igihugu ca Amerika

Umuhango kandi warurimwo indirimbo zaririmbwe na Lady Gaga - yaririmvye indirimbo ihayagiza igihugu ca Amerika - hamwe na Jennifer Lopez na Garth Brooks.

Hateguwe kandi igiteramo c'umuziki mu kibanza ca Lincoln Memorial hagati mu muji kiza kuremeshwa na Tom Hanks kikaza kuririmbamwo Bruce Springsteen, John Legend, Jon Bon Jovi, Justin Timberlake na Demi Lovato.

Kare mu gitondo Bwana Biden w'imyaka 78, yitavye inkuka y'imisa kuri catedrale i Washington - ari kumwe n'abarongoye urunani rw'abashingamateka b'Abagatolika y'Abaromani, barimwo aba Demokarate n'Abarepublikani.