US: Joe Biden mu masaha make araba umukuru wa Amerika agira 46

Joe Biden

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Joe Biden abaye umukuru wa Amerika agira 46

Joe Biden aja kurahira nka prezida wa Amerika agira 46 gatoya bimbere y'isaha 11 z'umugoroba kw'isaha mpuzamakungu (isaha imwe y'ijoro mu Burundi no um Rwanda).

Icegera ciwe Kamala Harris nawe aja kurahira bahagararanye-niwe mugore wa mbere agiye muri ico kibanza.

Abasirikare 2.500 nibo bacungereye ibirori vyo kurahira imyums yaho habareye intureka y'abateye inyubakwa y'inama nshingamateka na nkenguzamateka ari naho ibirori bibera itariki 6 uku kwezi kwa mbere.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Joe Biden asubiriye Donald Trump yatsinze mu matora yo mu kwa cumi na rimwe

Donald Trump ntaja kwitaba iborori vy'uwugiye kumuzubirira , abaye uwa kane atabikoze muri kahise ka Reta Zunze ubumwe za Amerika.

Vyari bitegekanijwe ko ava ku kirimba n'ibiro vy'umukuru w'igihugu Maison Blanche (White House) isaha indwi ku masaha mpuzamakungu agana Florida.

Mu masaha yanyuma y'ubutegetsi bwiwe, yatanze ikogongwe c'umukuru w'igihugu ku bantu 73 harimwo uwahora ari umujenama wiwe Steve Bannon.

Ariko nta kigongwe yihaye canke yahaye abo um muryamngo wiwe.