US: Biden yashitse afata amategeko bwirizwa ahindura ingingo za Trump

Perezida Biden yaciye yihutira gutera igikumu ku mategeko ajanye no kurwanya coronavirus, ihindagurika ry'ikirere hamwe n'ivangura rishingiye ku rukoba
Insiguro y'isanamu,

Perezida Biden yaciye yihutira gutera igikumu ku mategeko ajanye no kurwanya coronavirus, ihindagurika ry'ikirere hamwe n'ivangura rishingiye ku rukoba

Amaze amasaha makeya gusa arahiye, umukuru w'igihugu mushasha wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden yaciye yihutira guhindura ingingo zimwe nkuru nkuru za Trump.

Mu gihe yariko aja muri Maison Blanche/White House inyuma y'irahira, yanditse kuri Twitter ati: "Nta mwanya wo guta mu guhangana n'ibiza biduhanze".

Perezida Biden yateye igikumu ku mategeko bwirizwa 15 yose, iya mbere ikaba yari yerekeye ukurwanya ikiza karanda ca coronavirus.

Ayandi mategeko ahindura ingingo z'ubutegetsi bwa Trump ku bijanye n'ihindagurika ry'ikirere hamwe n'amategeko yerekeye abimukira.

Perezida Biden yaciye aja mu biro amaze kurahira ejo ku wa gatatu nk'umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agira 46.

Ibi birori vyo kurahira ntivyari bimeze nk'ibindi kubera amategeko yo kuzibira ikwirakwira rya coronavirus, hari abatumire bake.

Donald Trump - atarashobora kwemera icese ko yatsinzwe na Biden mu matora y'umukuru w'igihugu - nta n'uko yitavye ibirori vyo kurahira kwa Joe Biden.

Inyuma yo kurahizwa n'umukuru wa sentare nkuru y'igihugu, John Roberts, Biden yavuze ati: "Demokarasi yatsinze" .

Mw'ijambo ryiwe ryo gukomeza ubumwe inyuma y'imyaka y'ubutegetsi bwa Trump bwaranzwe n'indyane, yiyemeje kuba umukuru w'igihugu "ku Banyamerika bose", abamutoye n'abatamutoye.

Batatu mu bamuboneye izuba bari bitavye ivyo birori: Barack Obama - yabeyereye icegera mu myaka umunani yose yamaze ku butegetsi, Bill Clinton na George W Bush, hamwe kandi n'icegera ca Perezida Trump, Mike Pence.

Umutekano wari wakomejwe ku ngoro y'amakoraniro ya Amerika, Capitol, ahabereye ibi birori, inyuma y'aho iyi nyubakwa iterewe n'abagumutsi bashigikiye Trump ku wa 06 z'ukwa mbere.

Biden n'umutambukanyi wiwe, Jill Biden, bari kumwe n'umupfasoni Kamala Harris n'umugabo wiwe Doug Emhoff, baciye bafata ibarabara Pennsylvania Avenue baja muri Maison Blanche, bagenda baramutsa abagenzi n'abanywanyi babo.

Insiguro y'isanamu,

Perezida Joe Biden n'umutambukanyi wiwe Jill Biden baciye bafata ibarabara Pennsylvania Avenue baja kuri Maison Blanche/ White House

Ni izihe ngingo neza na neza Biden yateyeko igikumu?

Itangazo risigura aya mategeko bwirizwa rivuga ko Perezida Biden "azofata ingingo - atari gusa mu ntumbero yo guhindura amategeko yononye igihugu ku butegetsi bwa Trump - ariko kugira ngo igihugu gitere kija imbere".

Hari ingingo zitari nke zigiye gufatwa kugira ngo ikiza ca coronavirus kimaze guhitana abarenga 400.000 muri Amerika kiranduranwe n'imizi.

Hagiye kuba ingingo itegeka bose kwambara udupfukamunwa no gutandukanya mu gihe abantu bazoba bari mu nyubakwa z'igihugu.

Hagiye gushirwaho ibiro bishasha bizohagarikira uru rugamba rwo kurwanya iki kiza.

Amerika igiye guhagarika ingingo yafashwe n'ubutegetsi bwa Trump yo kwivumbura mw'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu, OMS/WHO.

Iyi ngingo yo gusubira mw'ishirahamwe OMS yakirijwe yompi n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, avuga ko ari "ingingo kirumara" kugira ngo isi ikorere hamwe mu kurwanya iki kiza, nk'uko bivugwa n'umuvugizi wiwe.

Biden yiyemeje kandi ko urugamba rwo kurwanya ihindagurika ry'ibirere kizoba igikorwa nyamukuru c'ubutegetsi bwiwe.

Yaciye atera igikumu kw'itegeko bwirizwa ryugurura inzira yo gusubira mu masezerano ya Paris yo mu 2015 yerekeye ihindagurika ry'ikirere, amasezerano Trump yivumbuyemwo burundu mu mwaka uheze.

Perezida Biden kandi yafuse uruhusha rwari rwahawe umuringoti w'igitoro Keystone XL uhuza Canada na Amerika, wari umaze imyaka irenga cumi urwanya n'abajejwe ibidukikije hamwe n'amashirahamwe y'abasangwabutaka ba Amerika.

Umunyamabanga ajejwe guhanahana amakuru mu biro kwa perezida, Jen Psaki, avuga ko iyi ngingo izoganirwako ku wa gatanu igihe Perezida Biden azoganira n'umutegetsi wa mbere wo hanze kuri terefone, uyu nawe akaba ari umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau.

Insiguro y'isanamu,

Umugambi wo kwubaka umuringoti Keystone XL umaze imyaka itari mike wiyamirizwa

Uwo muringoti w'ishirahamwe ryigenga - ukaba witezwe kwubakwa ku miriyaridi umunani z'amadorari - wotwara hafi utugunguru 830.000 tw'ibitoro ku musi, ubivana ahitwa Alberta muri Canada gushika muri reta ya Nebraska.

Barack Obama yari yahagaritse integuro y'itegeko yo kwubaka uwu muringoti mu 2015, ariko Perezida Trump yari yabihinduye.

Ku bijanye n'ubwimukira, Perezida Biden yakuyeho itegeko rya Trump ryatumye hubakwa uruhome ku rubibe rugabura Amerika na Mexique, yongera kandi ahagarika itegeko ribuza abanyagihugu b'ibihugu bimwe bimwe vy'Abasilamu kwinjira mu gihugu.

Ayandi mategeko bwirizwa yerekeye gukuraho ikumira rishingiye ku rukoba no ku gitsina.

Mu kiganiro ca mbere n'abanyamakuru ku kubutegetsi bwa Biden, umunyamabanga mu biro kwa perezida ajejwe kumenyesha amakuru Jen Psaki yabajijwe nimba ashira imbere uguhagararira inyungu za Biden, canke ko azoshira imbere "ukuri kutagira agahonzi".

Umupfasoni Psaki yavuze ko "yubaha cane uruhara rw'ibinyamakuru vyigenga" kandi ko azokwifatanya n'umukuru w'igihugu mu kugarukana "ukuri n'ugukorera mu muco".

Perezida Trump hamwe n'abanyamabanga biwe mu vyo kumenyesha amakuru bari bakunze kugiriranira imigenderanire mibi n'ibinyamakuru.

Insiguro y'isanamu,

Ibiro vy'umukuru w'igihugu Maison Blanche/White House bifise umunyamabanga mushasha ajejwe kumenyesha amakuru - Jen Psaki

None ivya Trump bigiye kumera gute?

Ivyo guhera kw'akajagari karanze ubutegetsi bwa Trump biri kure nk'ukwezi.

Inama nkenguzamateka ya Amerika yiteze kumucira urubanza vuba, inyuma y'aho abogorejwe n'inama nshingamateka ku ncuro ya kabiri.

Yagirizwa ko yateje imigumuko ku ngoro y'amakoraniro, Capitol.

Ku wa kabiri, umukuru w'Abarepubulika mu nama nkenguzamateka, Mitch McConnell, yavuze ko iyi migumuko yatewe na Trump n'ibinyoma vyiwe yaguma avuga.