Shyamala Gopalan: Umugore yashikanye Kamala Harris aho ageze

Shyamala Gopalan (i bubamfu) na Kamala Harris akiri umwana

Ahavuye isanamu, Alamy

Insiguro y'isanamu,

Shyamala Gopalan (i bubamfu) na Kamala Harris akiri umwana

Shyamala Gopalan yari umugore w'intwari muri Amerika, umuhinga, kandi yari mu baharanira uburenganzira bwa kiremwamuntu. Yabaye kandi na nyina w'icegera c'umukuru w'igihugu Kamala Harris, agira "uruhara rukomeye cane mu buzima bwiwe". Geeta Pandey i Delhi na Vineet Khare i Washington DC baragaruka ku buzima bwiwe.

Amasaha make imbere y'uko arahira mu ndwi iheze, Kamala Harris yarakengurukiye abagore bose bamufashije mu rugendo rwamushikanye mu kibanza kigira kabiri mu butegetsi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mw'ireresi yashize ku rubuga rwa Twitter, atangurira ku "mugore wa mbere yatumye mba ng'aha uno musi, mama wanje Shyamala Gopalan Harris".

Ati: "Igihe aza ng'aha avuye mu Buhindi afise imyaka 19, kumbure ntiyibaza ko iki gihe gishobora gushika".

"Ariko yari afitiye icizere cinshi cane Amerika ko igihe nk'iki gishoboka".

Umupfasoni Harris aranditse amateka - ni we mugore wa mbere, kandi w'umwirabure, akomoka muri Aziya y'Ubumanuko, abaye icegera c'umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ariko ivy'izamuka ryiwe ntivyari kubaho iyo nyina wiwe adafata uru rugendo rutari rworoshe mu 1958 rwamushikanye muri Amerika avuye mu Buhindi kugira abandanye indoto ziwe yari afise.

Nk'imfura mu bana bane ba se wiwe - yari asanzwe ari umukozi wa reta - na nyina wiwe, umupfasoni Gopolan yashaka kwiga ivyigwa bijanye n'ibigize ibinyabuzima (Biomchimie).

Ariko, ivyigwa vy'ubuhinga bukomeye nta kibanza vyari bifise kw'ishure ry'abagore yigako mu gisagara ca Delhi, Delhi's Lady Irwin College for women, ryatangujwe n'abakoloni b'Abongereza batwara Ubuhindi, biba ngombwa ko yigira impamyabushobozi mu bijanye n'ivyigwa vyo mu rugo, nk'ibijanye n'ugufungura n'ivyo gutunganya urugo.

Musazawe Gopalan Balachandran, yabwiye BBC ati: "Papa na jewe twahora tumucokoza kuri ibi".

Avuga atwenga yavuze ati: "Twarashobora kumubaza tuti 'None harya bakwigisha iki? Gutunganya imeza? Bakwigishe aho gushira ikiyiko?' Yaradushavurira cane".

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Prof R Rajaraman, yahoze ari umwigisha kuri kaminuza ya Jawaharlal Nehru i Delhi akaba yariganye n'umupfasoni Gopalan igihe bari bakiri imiyabaga, avuga ko ari umugore "adasanzwe".

Mw'isomero ry'abana 40, abakobwa n'abahungu bicara ukwabo ku mpande zitandukanye kandi nta kuvugana kwa cane kwari kuhari hagati y'abadasangiye igitsina.

Mu vyo yibuka avuga ati: "Ariko wewe ntiyatinya kuvugisha abahungu. Yariyemera".

Prof Rajaraman avuga ko cabaye igitangaza kubona yahisemwo kuja kwiga kw'ishure rya Lady Irwin College kubera ico gihe ryari rizwi ko "ari ishure ryategura abakobwa kuja kurongorwa, kuba abagore beza".

Ariko umupfasoni Gopalan wewe yari afise izindi ntumbero.

Yahavuye asaba kwiga kuri kaminuza ya California i Berkeley kandi aremererwa.

Musazawe ati: "Yabikoze wenyene. Nta n'umwe yamenye na kimwe muhira".

"Papa nta ngorane n'imwe yari afise ku ciyumviro ciwe co kuja hanze, ariko yari afise ubwoba kuko ata muntu n'umwe twari tuzinanye muri Amerika. Ariko yari azi akamaro ko kwiga ari co gituma yamuretse aragenda. Yari yaronse abamufasha, ariko dawe yaremeye ko azomufasha mu mwaka wa mbere".

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Aha Kamala Harris yariko ararahira nk'icegera c'umukuru w'igihugu, hari ku wa 20/01/2021

Rero, ku myaka 19, umupfasoni Gopalan yavuye mu Buhindi aja mu gihugu atari bwigere ajamwo na rimwe mu buzima bwiwe kandi ahantu ata muntu n'umwe yari azinanyeyo, agiye kuminuza mu vyigwa bijanye no gufungura hamwe n'ivyerekeye uruhererekane ndemamubiri (endocrinologie).

Mu gitabo ciwe 'The Truths We Hold' (ukuri kuri muri twebwe) yanditse mu 2019, umupfasoni Harris yanditse kuri uru rugendo rwa nyina wiwe.

Yanditse ati: "Birangora kwiyumvira ingene vyagoranye kugira abavyeyi biwe bamureke agende".

"Niho ingendo z'indege mu mpande zitandukanye z'isi zari zigitangura. Ntivyari vyoroshe kubandanya muvugana n'abawe. Ariko rero, igihe mama asaba uruhusha rwo kuja i California, sokuru na nyokuru ntibamubereye intambamyi".

Cari igihe ciza co kuba muri Amerika.

Cari igihe ivyo kurwanira agateka ka zina muntu vyari bigeze ku rwego rwo hejuru, Berkeley nayo ryari ikiririmbiro ry'imyiyerekano yo kwiramiriza ivangura rishingiye ku rukoba.

Nk'uko vyari bimeze ku bandi banyeshure mvamakungu, umupfasoni Gopalan yahambije abandi muri urwo rugamba rwo guhindura Amerika n'isi kugira kibe ikibanza ciza.

Ariko kandi ico gihe, vyari ibintu bidasanzwe ku munyeshure ava mu Buhindi kuja mu mihari iharanira uburenganzira bwa muntu.

Margot Dashiell yabonanye nawe ubwa mbere mu buriro bwo ku kigo ca kaminuza mu 1961, yabwiye BBC ati: "Nabona ko ku giti ciwe yashobora kuba yiyumvamwo urugamba abanyeshure b'abanyamerika bakomoka muri Afrika barimwo kubera yava mu muryango yaboneyemwo amabi y'ubukoloni".

"Ibi ni ivyo mu myaka mirongo iheze, ariko ndibuka ambwira igihe kimwe, azungagiza umutwe, ko abazungu - abanyamahanga - batatahura urugamba, batatahura ico ari co kunyagwa amahirwe. Nta nsiguro yatanze, ariko natahuye ko ari ikintu yaciyemwo nk'umuntu atari umuzungu".

Abagenzi bamuvuga nk' "umuntu muto muto" yaboneka cane kubera inyambaro yiwe kama (sari) hamwe n'akadomo gatukura (bindi) kari ku ruhanga rwiwe. Bavuga ko yari "umunyeshure yari yugurutse" yari azi "kuvuga, yiyemera kandi w'incabwenge",

Ahavuye isanamu, Kamala Harris

Insiguro y'isanamu,

Kamala Harris (i bubamfu) ari kumwe na nyina wiwe, Shyamala Gopalan Harris , na mutoyi wiwe (hagati)

Umupfasoni Dashiell yibuka ingene "yihagararako iyo ariko araharira n'abagabo b'incabwenge kandi biyemera".

"Ni abagore bake cane mu mibereho yacu bashobora kwihagararako ku rugero nk'urwo mu gihugu cacu abagabo ari bo biganje"

Aramwibuka "nk'umuhindikazi umwe rudende, umuntu umwe rudende atari umunyamerika akomoka muri Afrika, yari mw'ishirahamwe ry'abanyamerika bakomoka muri Afrika" - ishirahamwe ryari rihurikiyemwo abanyeshure b'abirabure ryashinzwe mu 1962 kugira ngo ryigishe abanyamerika bakomoka muri Afrika kuri kahise kabo.

Nta n'umwe yigeze amugirako amakenga muri iryo shirahamwe ryari rigizwe hafi n'abirabure gusa, nk'uko bivugwa na Aubrey LaBrie yamenye umupfasoni Gopalan mu 1962 igihe yiga ivyigwa vy'amategeko i Berkeley, kandi akaba yarabaye umugenzi wiwe igihe kirekire.

Ati: "Twese twariyumvamwo urugamba rwo kurwanira agateka ka zina muntu muri kino gihugu. Twabona ko rwari urugamba ruri mu mihari yarwanira agateka k'ibihugu bitaratera imbere kandi nibaza ko ari co gituma yifatanije n'abandi muri uru rugamba. Twese twabona ko turi kumwe na bashiki bacu na bene wacu muri uru rugamba rwo guharanira agateka".

"Nta muntu n'umwe yigeze agira amakenga ku mamuko yiwe, n'aho hari abantu bari bafise amakenga muri bo kubera wari umuhari w'abirabure, rero ko utari kwemera umunyeshure w'umunyaburaya. Ariko nta gihe higeze haba impari ngo bamwanke canke bamwemere".

Ni uku gukunda urugamba rwo kurwanira uburenganzira bwa muntu, uruhara rwiwe mu muhari wo guharanira uburenganzira bwa muntu, vyahinduye ubuzima bwiwe.

Umupfasoni Harris yandika ko nyina wiwe yari yiteze gusubira mu gihugu ciwe arangije amashure maze agahabwa umugabo, ariko rero "vyahavuye bigenda ukundi".

Ahavuye isanamu, Kamala Harris

Insiguro y'isanamu,

Kamala Harris ari kumwe na nyina wiwe Shyamala Gopalan

Mu 1962, yahuye na Donald Harris yari avuye muri Jamaica aje kwiga ibijanye n'ubutunzi i Berkeley, maze barakundana.

Bahuriye mw'ikoraniro ry'abirabure, ariho umupfasoni Gopalan yamwegereye aramwidondora.

Donald Harris aherutse kubwira ikinyamakuru New York Times ko uyu mupfasoni ari we "yaboneka cane ugereranije n'abandi bose muri iryo huriro ry'abagabo n'abagore".

Nk'uko umupfasoni Harris abivuga, abavyeyi biwe "bakundanye muri ubwo buryo barajana muri uru rugamba rwo guharanira ubutungane n'uburenganzira bwa muntu".

Barongoranye mu 1963 hanyuma haciye umwaka, afise imyaka 25, umupfasoni Gopalan yaronse urupapuro rwa Doctorat aca yibaruka Kamala. Haciye imyaka ibiri bavyara Maya, umwana agira kabiri.

Kwubakana n'umunyamahanga ntivyaguye neza umuryango w'aba Tamil Brahmin umupfasoni Gopalan yavamwo.

Ahavuye isanamu, Biden for President

Insiguro y'isanamu,

Abavyeyi ba Kamala Harris, Shyamala Gopalan na Donald Harris

Mu kiganiro n'umunyamakuru mu 2003, Shyamala Gopalan yavuze ko mu kurongorwa n'umunyamerika, yishe "amaraso y'aba Gopalan yari amaze imyaka irenga igihumbi".

Balachandran avuga ati: "Ntiyigeze atubwira ko yagomba arongorwe", n'aho ashimangira ko abavyeyi biwe "ata ngorane nini bari bafise uretse ko bari bafise impungenge kubona batari bazi umukwe wabo".

Avuga ko igihe kimwe yumvise "Kamala na Maya babaza sekuru wabo niba adakunda se wabo".

"Yabishuye ati: 'Nyoko wanyu yaramukunze kandi nta ngeso mbi yari afise, none twebwe twomwankira iki'?"

Ahavuye isanamu, The Washington Post via Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Kamala Harris (i bubamfu) na mutoyi wiwe, Maya Lakshmi Harris, ni abagenzi pfa mpfe

Ku ncuro ya mbere abavyeyi b'umupfasoni Gopalan bahuye n'umukwe wabo ni mu 1966 - inyuma y'imyaka itatu arongowe - bahurira mu kindi gihugu, muri Zambia, aho se wiwe yari yarungitswe ico gihe.

Urugo ntirwamaze igihe kinini. Kamala Harris amaze imyaka itanu, abavyeyi biwe baratandukanye, kandi n'aho we na mutoyi wiwe Maya bama baja kuramutsa se wabo mu gihe c'uburuhuko, nyina wabo yabareze wenyene.

Mu mwaka uheze, igihe yemera kwiyamamaza nk'icegera c'umukuru w'igihugu, umupfasoni Harris yavuze ko ubuzima bwa nyina wiwe butari bworoshe kandi ko yakora amasaha 24 kuri 24, aho nyene akora ubushakashatsi kuri kanseri kandi abandanya yitaho abana biwe.

Umupfasoni Gopalan yapfuye mu kwa kabiri 2009 afise imyaka 70 ahitanywe na kanseri y'amara, akaba yaramenyekanye cane kw'isi ko yakoze ubushakashatsi ku bijanye na kanseri y'ibere.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abanyamuryango ba Kamala Harris mu Buhindi bari mu birori vyo kwigina itorwa ryiwe nk'icegera c'umukuru w'igihugu

Yatanguye akazi kiwe akora ubushakashastsi mu gisata kijejwe ibikoko i Berkeley na laboratoire yiwe y'ubushakashatsi kuri kanseri.

Mu nyuma yagiye gukora mu Bufaransa, mu Butaliyano no muri Canada, imbere y'ugusubira muri Laboratoire Lawrence Berkeley i California mu myaka cumi ya nyuma y'akazi kiwe.

Joe Gray, umuhinga akongera akaba n'umukoresha w'umupfasoni Gopalan muri Laboratoire Lawrence Berkley, avuga ko yari "umuhinga akomeye yari afise ishaka ryinshi, kandi yakunda kuja mu biganiro vyo kwungurana ubumenyi".

Yabwiye BBC ko umupfasoni Gopalan atatinya kurata ibijanye n'indwara yiwe ya kanseri.

Balachandran avuga ko kanseri yiwe imaze kuba nyinshi, mushiki we yahisemwo gusubira mu Buhindi, kugira ngo arangirize ubuzima bwiwe mu kigo co guhoza cashinzwe na nyina wiwe na mushiki we. Ariko rwabaye urugendo atigeze ashobora gukora.

LaBrie aribuka ikiganiro ciwe ca nyuma yagiranye n'umugenzi wiwe mwiza, akavuga ko yari afise integuro zo gusubira mu gihugu ciwe c'amavukiro.

Avuga ati: "Mu bintu vyinshi nibuka, namubwiye nti, 'Shyamala, ndaryohewe kwumva ugiye gusubira mu Buhindi'. Nawe ari: 'Aubrey, ntaho ndiko ndaja'. Haciye akanya gato yaciye acikana".