FAO: Ata mafaranga abonetse indege zo kurwanya inzige zirahagarara

Inzige

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Bubaye ubwa gatatu inzige zitera mu kiringo c'umwaka muri Afrika y'ubuseruko

Ishami rya ONU rikurikirana uburimyi n'ivyo kurya kw'isi FAO riragabisha ko indege zaryo zose zafasha mu kurwanya inzige zongeye gutera muri Afrika y'ubuseruko zishobora kudasubira gukora hamwe ritoronka amafaranga angana na miriyoni 38 z'ama dolari ($38 million).

Izo nzige zitema zigatongora imirima zongeye gutera muri Ethiopia, Kenya na Somalia aho zigeramiye imibereho y'abarimyi n'abarozi basanzwe bahanzwe n'ingaruka z'izikiza ca Covid-19 n'imyuzure muri ako karere.

Ku mwihwezo wa vuba, FAO isanga izo nzige zimaze gutera mu ntara 11 muri Kenya kandi ko ziriko zitera zija mu ntara zo kw'ibahari z'ico gihugu hamwe no muri Tanzania.

Bubaye ubwa gatatu

Zimaze kwonona kandi imirima muri Ethiopia na Somalia uyu mwaka.

Ribaye irya gatatu muri aka karere hatera inzige mu kiringo c'umwaka umwe.

Izo nzige nshasha zafashijwe gushwara akarere n'igihuhusi Gati catumye mu minsi mike hagwa imvura ingana n'iyoguye mu kiringo c'imyaka ibiri.

Vyatumye inzige zoroherwa mu kugwirirana.

Umuhuzabikorwa w'ibikorwa vyihuta muri FAO muri Somalia, Ezana Kassa, avuga ati: "Ingaruka n'uko uburimyi n'ubworozi bihungabana cane mu gihugu kidasanganywe amaragamo mu vyerekeye ivyo kurya''

Iryo shami rya ONU rivuga ko gupompa imiti mu kirere no hasi , vyakozwe kuva izo nzige ziteye ubwa mbere mu kwezi kwa mbere mu 2020, vyari vyatumye hakizwa ibitegwa n'ibitungwa biciye amafaranga aharugwa muri miriyaridi 1.2 z'ama dolari.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Inzige aho zishitse icitwa igiti n'icatsi vyose zirarya

"Aho inzige zaheruka gutera ku rugero rusa n'uru rw'ubu, mu karere ka Sahel, vyasavye imyaka ibiri n'amafaranga arenga miriyoni 500 z'ama dolari kugira zishobore gutuzwa.

Iki gitero kirakomeye gusumba, ariko ibihugu vy'a Afrika y'ubuseruko bisa n'ibizogitsinda-gusa ni bitange amafaranga y'igitoro kugira indege zigume zikora'', bivugwa n'icegera c'umuyobozi mukuru wa FAO Laurent Thomas.