China: Abantu 80 bakora incanco za Corona za magendu bahagaritswe

Urucanco rwa Corona

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ubushinwa buvuga ko buriko burarondera abagizi ba nabi bakora "incanco za magendu" za Covid-19, bakora ubwo bugizi bwa nabi kuva mu kwezi kw'icenda, nk'uko bivugwa na CNN.

Igipolisi ca Jiangsu, Beijing na Shandong cafashe abantu barenga 80 bafise uruhara mu gukora incanco zirenga 3.000 za magendu za Covid-19, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru ry'ico gihugu, Xinhua.

Xinhua ivuga ko ubushikiranganji bw'umutekano mu Bushinwa buvuga ko buriko buragira amatohoza kuri izo ncanco za magendu hamwe n'iyindi miti yo mu gisata co gukinga ingwara.

Igipolisi cemeza ko kuva mu kwezi kw'icenda mu 2020, abo bakora izo ncanco za magendu baronse amahera menshi cane, aho bashira umunyu mu rushinge bagaca bazigurisha ku mahera menshi, nk'uko bibandanya bivugwa na Xinhua.

Ubushinwa buriko buracandaga abanyagihugu bukoresheje incanco ziva mu bigo bibiri, Sinovac na Sinopharm, incanco z'ico gihugu kandi zaratanguye gutangwa mu bindi bihugu, harimwo n'igihugu ca Turkia.