Aliko Dangote na Mohammed Dewji bari mu batunzi ba mbere muri Afrika mu 2021

Umugwizatunga wo muri Tanzania Mohammed Dewji

Nk'uko biri mu kinyamakuru ca Forbes co mu 29021, ubutunzi bw'abagwizatunga 18 bo kuri uyu mugabane bwiyongereye imiriyaridi 4.1 z'amadolari, n'ukuvuga ku bice 12 kw'ijana gusumba mu mwaka uheze.

Mu myaka cumi yikurikiranya, Aliko Dangote wo mur Nigeria ni we muntu atunze cane ku mugabane wa Afrika, akaba afise ubutunzi buharurwa ku miriyaridi 12.1 z'amadolari.

Ubwo butunzi bwiyongereyeko amadolari imiriyaridi 2, ugereranije no mu mwaka uheze bivuye kw'iduga gushika ku bice 30 kw'ijana vy'igiciro c'isima ya Dangote nk'uko vyandikwa na Forbes.

Insiguro ya video,

Bamwe mu bagore bakomeye batangazwa n'ikinyamakuru FORBES

Umuntu agira kabiri mu butunzi muri Afrika ni Nassef Sawiris wo mu Misri, ubutunzi bwiwe bwinshi ni ibice bitandatu kw'ijana y'umutahe afise muri Addidas.

Mu kibanza ca gatatu haza Nicky Oppeheimer wo mu gihugu ca Afrika y'epfo, yarazwe umutahe wo muri kompanyi ya Debeers, akaba yari anahagarariye iyo kompanyi gushika mu mwaka wa 2012 aho yaca agurisha ibice 40 kw'ijana vy'umutahe w'umuryango wiwe kuri kompanyi yimba ubutare ya AngloAmerican ku miriyaridi 5.1 z'amadolari.

Ahavuye isanamu, Facebook/bbc

Insiguro y'isanamu,

Umuntu agira kabiri mu butunzi muri Afrika ni Nassef Sawiris wo mu Misri, ubutunzi bwiwe bwinshi ni ibice bitandatu kw'ijana y'umutahe afise muri Addidas.

Uwundi yatunze cane muri uyu mwaka ni umudandaza wundi w'isima, Abdulsamad Rabiu.

Imitahe yiwe muri kompanyi ikora isima ya BUA PLC, yashizwe ku rutonde kw'isoko ry'abagurisha imitahe muri Nigeria mu kwezi kwa mbere, yaduze igiciro biteye ubwoba mu kiringo c'uyu mwaka uheze.

Vyatumye ubutunzi bwa Rabiu bwongerekana ku bice 77 kw'ijana, gushika ku miriyaridi 5.5 vy'amadolari.

Ikintu gikomeye cane n'uko Rabiu n'umwana wiwe bafise ibice 97 kw'ijana vy'iyo kompanyi bagaca batuma imenyekana cane.

Umuvugizi w'isoko ry'imitahe muri Nigeria yabwiye Forbes ko ikompanyi y'isima ya BUA ishitse ku ntambwe ya kabiri - ko Forbes igabanya agaciro k'imitahe mu gihe iyo mitahe yagurishijwe ku banyagihugu ifise agaciro kari muri y'ibice 5 kw'ijana.

Umugwizatunga wenyene ava mu karere k'ubuseruko bwa Afrika ari kuri urwo rutonde rwa Forbes ni umudandaza wo muri Tanzania, Mohammed Dewji, aza mu kibanza ca 13. Dewji afise ubutunzi bufise agaciro k'imiriyaridi 1.6 z'amadolari, nk'uko vyandikwa n'ico kinyamakuru c'ubutunzi ca Forbes.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Aliko Dangote ni we mutunzi wa mbere ku mugabane wa Afrika ku ncuro ya cumi yikurikiranya

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Urutonde rw'abantu batunze cane kw'isi mu mwaka wa 2021:

1. Aliko Dangote afise ubutunzi bungana na miriyaridi 12.1 $

2. Nassef Sawiris afise ubutunzi bungana na miriyaridi 8.5 $

3. Nicky Openheimer afise ubutunzi bungana na miriyaridi 8 $

4. Johann Rupert afise ubutunzi bungana na miriyaridi 7.2 $

5. Mike Adenuga afise ubutunzi bungana na miriyaridi 6.7 $

6. Abdulsamad Rabiu afise ubutunzi bungana na miriyaridi 5.5 $

7. Issad Rebrad afise ubutunzi bungana na miriyaridi 4.8 $

8. Naguib Sawiris afise ubutunzi bungana na miriyaridi 3.2 $

9. Patrice afise ubutunzi bungana na miriyaridi 3 $

10. Koos Bekker afise ubutunzi bungana na miriyaridi 2.8 $

Mu gihe bamwe bongereje ubutunzi bwabo ku miriyaridi n'imiriyaridi, ubutunzi bw'abagwizatunga babiri bari ku rutonde rwo mu mwaka wa 2020, bwaragabanutse gushika baje musi y'umuriyaridi umwe.

Abapfasoni babiri bonyene ni bo bari ku rutonde rw'abatunzi bakomeye mu mwaka wa 2020, ubu bakorotse ntibakiri kuri urwo rutonde.

Nk'uko bivugwa na Forbes, ubutunzi bwa Folonrusho Alakija wo muri Nigeria, afise ikompanyi yo kwimba igitoro bwaramanutse musi y'umuriyaridi umwe kubera igiciro c'ibitoro camanutse.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ubutunzi bwa Isabel Dos santos bwaragabanutse cane kubera imanza afise muri sentare

Isabel dos Santos, kuva mu 2013 yari umupfasoni atunze cane ku mugabane wa Afrika, ubutunzi bwiwe bwaragabanutse kubera ingingo nyinshi zitandukanye zitumbereye ivyo atunze muri Angola na Portugal.

Abo bagwizatunga batunze cane ku mugabane wa Afrika bava mu bihugu indwi bitandukanye.

Afrika y'Epfo na Misri bifise abagwizatunga batanu, bigakurikirwa na Nigeria ifise batatu hamwe na Maroc ifise babiri.