US: Inama nkenguzamateka iripfuza ko urubanza rwa Donald Trump rwihutishwa

Capitol

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ku wa 06 z'ukwa mbere, abanywanyi ba Donald Trump bateye ingoro y'amakoraniro, Capitol, ya Amerika, ivyateye ubwoba igihugu cose

Urubanza rugira kabiri rwa Donald Trump rwitezwe gutangura kuri uyu wa kabiri, mbere abakenguzamateka bakaba bumvikanye ko bagiye kurwihutisha.

Yagirizwa "gukokeza imigumuko" mw'ijambo ryiwe yashikirije abanywanyi biwe bari mu myiyerekano imbere y'uko imvururu zaduka ku ngoro y'amakoraniro Capitol ya Amerika ku wa 06 z'ukwa mbere.

Aba Democrats bavuga ko bafise ivyemezo "bikomeye" ku vyaha yagirizwa mu gihe abamuburanira bobo bavuga ko abateye izo mvururu babikoze ku gatwe kabo.

Abamuburanira bavuga ko uru rubanza "rudatomoye kandi ruteye kubiri n'ibwirizwashingiro", uno musi ku wa kabiri bakaza guharira nimba rukurikije canke ruteye kubiri n'amategeko.

Donald Trump niwe mukuru w'igihugu mu mateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaterewe icizere incuro zibiri zose n'inama nshingamateka.

Mu gihe yokubitwa intahe mu gahanga, ashobora kubuzwa gusubira kwitoza. Hagati aho, kugira ngo ibi bishoboke, ni uko haboneka abakenguzamateka 17 b'aba Repubulika baja ku ruhande rw'aba Democrats kugira ngo haboneke bibiri vya bitatu bikenewe .

Mu kiganiro batanze ejo ku wa mbere, abashingwamanza ba Trump bavuze ko uru rubanza ruteye kubiri n'ibwirizwashingiro kubera Trump atakiri ku butegetsi, ubu akaba ari umunyagihugu asanzwe.

Abantu "icenda bajejwe uru rubanza" - aba bakaba ari abo mu mugambwe w'aba Democrats barindiriye gushikiriza uru rubanza - bamirira kure ibi, bakavuga ko ategerezwa kwishura ivyo yakoze nk'umukuru w'igihugu.

Kuri uyu wa kabiri, impande zompi ziza guhabwa amasaha ane yose ziharira nimba uru rubanza rujanye n'ibwirizwashingiro, hakaba hategekanijwe ko ku mugoroba baza kugira amatora kugira barubandanye canke baruhagarike.

Urubanza ruzogenda gute?

Ejo ku wa mbere, abarongoye inama nkenguzamateka barumvikanye ku nteguro y'ingene urubanza rwogenda.

Chuck Schumer arongoye nyarwinshi mu nama nkenguzamateka avuga ati: "Impande zompi zumvikanye ku nteguro izofasha kugira ngo ubutungane bukore ata guhengama mu gihe inama nkenguzamateka izocira urubanza uyu yahoze arongoye igihugu".

Mu gihe rwokwemezwa ko rukurikije ibwirizwashingiro kuri uyu wa kabiri - ibibikaba ari vyo vyitezwe- ejo ku wa gatatu ku muhingamo hazoca hatangura ukwagirizanya aho buri ruhande ruzohabwa amasaha cumi n'atandatu y'ugushikiriza aho ruhagaze.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Igitero c'ingoro y'amakoraniro Capitol ya Amerika carateye ubwoba igihugu

Izi mpari zizobandanya gushika mu mpera z'iyi ndwi aho abakenguzamateka bazoronka akaryo ko kubaza ibibazo impande zompi.

Ntibiramenyekana nimba abajejwe uru rubanza bashobora kwongereza umwanya mu gusaba ko ivyabona bitumwako - n'aho Trump ubwiwe yamaze kumenyesha ko adashobora kwisigura ku gushaka.

Bivugwa ko abakenguzamateka ku mpande zompi bashigikiye ko uru rubanza runyaruka, mu gihe bariko barakora uko bashoboye kugira ngo integuro ya Joe Biden y'ukugarukira ku bakozweko na Covid-19 yemezwe.

Kubera ko bashaka kwihutisha uru rubanza, hari ababona ko amatora y'inama nkenguzamateka yo kwemeza nimba Trump akwiye gukubitwa intahe mu gahanga canke akezwa ashobora kuba imbere yo ku wa mbere w'indwi iza.

None abamwagiriza n'abamuburanira bavuga iki?

Aba Democrats bavuga ko kubona Trump atigeze yemera ko yatsinzwe na Joe Biden mu matora - co kimwe n'amajambo y'uguturira yashikirije abanywanyi biwe - vyakokeje izi mvururu zo ku wa 06 z'ukwa mbere zahitanye abantu batanu.

Basaba ko atokwemererwa gusubira kwitoreza ikibanza c'umukuru w'igihugu.

Mw'itangazo ryabo bavuga bati: "Imigumuko yakokeje yo kurwanya reta ya Amerika - ivyahungabanije ihererekanya ry'ubutegetsi mu mahoro - ni co caha gikomeye co kurwanya ibwirizwashingiro gikozwe n'umukuru w'igihugu".

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Donald Trump yahamagariye abanywanyi biwe "kuja kwugariza Capitol" ku wa 06 z'ukwa mbere

Vyitezwe ko abajejwe uru rubanza bakoresha amajambo ya Trump hamwe n'ireresi y'izi mvururu kuri uwo musi kugira berekane ko "abantu bari barakaye" bagatera izi mvururu "bashimiwe".

Abashingwamanza ba Trump bavuga ko Trump yashikirije iciyumviro ciwe nk'uko abihabwa n'amategeko, bakavuga ko uru rubanza ari "umukino wa poritike" kandi ari "ingendo ya poritike iteye isoni".

Bavuga kandi ko inyandiko za FBI zerekana ko iyi migumuko yari yateguwe imbere y'igihe, ko rero amajambo ya Trump adashobora kuvugwa ko ari yo yayikokeje.