Inyuma y'aho ahiriye gushika ku bice 90%, Aleixo Paz avuga ko atinya kubaho gusumba gupfa
- José Carlos Cueto
- BBC Mundo

Ahavuye isanamu, AFP
Ivyabaye kuri Aleixo Paz bivugwa mw'ireresi iherutse gusohoka yiswe The Fire Kid (Umwana w'umuriro)
Si abantu benshi bari mu myaka ya 20 uzokwumva bavuga ko batinya ubuzima gusumba urupfu.
Ariko uyu munya Esupanye wewe Aleixo Paz niko ameze,
Afise imyaka umunani, yarahiye bikomeye gushika ku bice birenga 90% vy'umubiri wiwe. Kuva ico gihe abayeho mu bubabare, imisi ikamubana miremire cane.
Avugana na BBC kuri terefone, Paz yavuze ati: "Ishavu niryo rimvana mu gitanda imisi yose".
"Umuziki niwo utumye mbandanya mbaho. Niwo untuma nshobora kwihanganira ubuzima ndimwo kandi nkabandanya".
Ahavuye isanamu, Nanouk Films
Paz yari kumwe na se wiwe mu modoka itwara igitoro, irimwo amalitiro ibihumbi n'ibihumbi igihe igira isanganya.
Yari aryamye, yagiye kwikangura asanga ari mu muriro, imodoka iriko irasha. Ariko ku gihamana ciza, Paz yararokotse.
Imyaka myinsyi y'ubwana n'ubuyabaga yayimaze mu bitaro, mu bubabare butagira izina n'ishavu ry'umurengera, mu gihe abaganga babandanya bamusanasana kuko yari yaburiranye.
Paz ntashima kuja mu bibanza bihuriramwo abantu benshi kuko adashaka ko abantu baguma bamuraba. Yikeka uwo ari we wese. Ntibimworohera kwiyereka abantu.
Rero ni ibintu bidasanzwe kubona yemeye kuvuga ivyamubayeko, amakuru yiwe akaba ari mw'ireresi yakozwe igihe kirekire yiswe The Fire Kid (Umwana w'umuriro) yakozwe na Ignacio Acconcia, umuhinga mu gukora amareresi.
Ahavuye isanamu, Nanouk Films
Paz yamaze imyaka yiwe yose y'ubwana n'ubuyabaga agerageza kwinyegeza ngo abantu ntibamubone
Paz ntiyari agononokewe kubona za camera zibandanya zimukurikirana imyaka itari mike.
Atangura abwira abamubona muri iyo reresi ko ata kintu kinini bokwitega kimuvamwo, aho abantu usanga biteze kubona igihangange caranguye ibi na biriya. Si wa muntu avuga ngo narisunze iki gihangane kugira ngo nkore ibi na biriya, ariko arivuga we nyene ubwiwe, ataco ahishije, avuga ivyamubayeko.
Ati: "Si nshaka ko abantu bahava bihenda ngo bamfate nk'icitegererezo, nk'umuntu yakoze ibitangaza. Nta kintu na kimwe nakoze, uretse kwinanata kugira ngo nshobore kubandanya mbaho, nk'uwo ari we wese. Inguvu zanje zonyene ni ukwihangana".
Ahavuye isanamu, Nanouk Films
Aleixo Paz ari kumwe n'umuhinga mu gukora amareresi Ignacio Acconcia
Paz avuga ko atarashobora kwibagira ivyamubayeko.
"Abantu bambona ko ndi intwari kubera nashoboye kwiyungunganya, ariko jewe siko ndabibona. Ntinya ubuzima gusumba urupfu".
"Sinshobora kwibagira iri sanganya. Iyo ndinze ndaryibuka, nca mbona ingene vyose vyagenze, kimwe ku kindi. Igihe nariko ndasha, sinataye ubwenge, vyose ndabibona ntya! Biragoye kwibagira".
Avuga ko yama ariko arakangagurika kandi ntasinzire neza.
"Ni kenshi mvyuka giturumbuka, agatuguta kandenze, umutima wamvuyemwo".
'Sinhobora kwibuka ubuzima bwo mu bwana bwanje'
Ahavuye isanamu, Nanouk Films
Paz ati: "Ndavye isanamu yanje nkiri umwana, sinemera ko ari jewe"; iyi ni isanamu yiwe imbere y'uko ahura n'iri sanganya
Paz avuga ko iri sanganya ryamusizemwo imvune zisumba inkovu zo ku rukoba/ruhu. Ryarahinduye indangamuntu yiwe.
Ati: "Ndavye isanamu yanje nkiri umwana, sinemera ko ari jewe".
"Kuko ntaho bihuriye n'ingene nsa. Nta vyizigiro nshobora kugira, canke ngo numve ko nshobora kugira ico nkoze ngo ninezereze".
"Kuva ngize iri sanganya, ndi mu ntambara kandi nibwo buzima bwanje. nitwa Aleixo ariko iri zina siryo karangamuntu kanje. Aleixo ni izina ry'uwari umwana, si izina ryanje nk'umuntu akuze".
Ahavuye isanamu, Nanouk Films
Paz avuga ko imisi yose yama mu bubabare n'uburakari bwinshi, aha yari mu bitaro bariko baramupima
Gusa Paz arashima ingene abantu bamwe bamwe barorereye iyo reresi bamugendera bavuga ko ivyamubayeko vyabigishije cane.
Avuga ko mu ntango ijambo ry'umutwe w'iyo reresi ritamushimishije - The Fire Kid - mbere mu nyuma rikaba ryagiye kuba iritazirano ryiwe.
Ariko ubu yarimenyereye kubera abantu isinzi bayirorereye.
Ati: "Iyo abantu baza bagushimira, uvyemera utavyemera, hari ico bihindura muri wewe".
"Ikiriho ni uko iyo abantu baza bagushimira, rimwe na rimwe ndumirwa, ugasanga ndiko niyemera uko ntari. Hari igihe mbere binshikira ugasanga ndiko ndibaza ko bizoshika nkabaho ubuzima busanzwe".
'Umuziki umpa ivyizigiro'
Ahavuye isanamu, Nanouk Films
Paz avuga ko umuziki ari bwo "buhungiro" bwiwe, aha yari kumwe n'umu raperi Isaac Real "Chaca"
Paz ati: "Sinkeneye kumera neza. Ivyo kumera neza jewe ntavyo nzi kandi jewe ntavyo menyereye".
"Iminsi yose mvuka ngwaye mu nda, mbabara umubiri wose, ivyo bigaca binyibutsa ayo nabonye. Abantu benshi bambwira ngo ibintu bizogenda neza, ariko kuri jewe siko ndabibona".
Ariko avuga ati: "Ariko birumvikana, ni urugamba ntegerezwa kubandanya".
Paz avuga ko yakundishijwe umuziki n'umunyamuziki wo mu mudiho wa rap, Isaac Real "Chaca" yigeze kuba igihangange mu gukubitana ingumu (boxe/boxing), yigeze no gupfungwa. Paz amufata nk'umujenama wiwe.
Ati: "Umuziki nibwo buhungiro bwanje, niwo mpwemu yanje. Mfise ukwizera guke".
"Nivyo ko mfise intego n'ico nkurikirana muri kazoza, ariko ntuhave wihenda ngo umbone uko ntari: jewe sinibona nk'umunyamuziki, kandi nta kintu na kimwe nshaka gushikako mu bijanye n'umuziki".
"Kwandika indirimbo - nta kindi ndabikorera atari ukwimara ishavu".