Coronavirus: Abashakashatsi mu bijanye n'ubuhungarema babonye ivyemezo bishasha

  • Inkuru ya Helen Briggs
  • Umunyamakuru wa BBC, umuhinga mu bidukikije
Ubuhungarema
Insiguro y'isanamu,

Ubuhungarema buvugwa ko bushobora gutunga imigera myinshi

Abahinga bavuga ko hari imigera yindi ya coronavirus ifitaniye isano n'umugera wa Sars-CoV-2 wateye Covid-19 ishobora kuba iriko irazunguruka mu buhungarema (uducurama mu kiyarwanda) buba mu burere butandukanye bw'umugabane wa Aziya.

Batoye umugera wegereye cane uwateye Covid-19 mu buhungarema mw'ishamba ryo mu buseruko bwa Thailand.

Hanyuma kandi babona ko hashobora kuba hari iyindi migera ya coronavirus isa n'uwo batoye yoba iriko irazunguruka mu buhungarema buba mu bihugu no mu burere butari buke bwa Aziya.

Ubu bushakashatsi berekana isano riri hagati y'iyi migera bwakorewe mu karere gafise uburebure bungana n'ibirometero 4800.

Kandi buratanga ibimenyetso vy'ukungene umugera wateye Covid-19 ushobora kuba waratanguye.

Abashakashatsi bavuga ko bafatiye ku citegererezo gito, ariko bakaba bizeye ko iyi migera ya coronavirus "ifitaniye isano n'umugera wa Sars-CoV-2 irwiriye cane mu buhungarema burangwa mu bihugu vyinshi no mu turere twinshi twa Aziya".

Nk'uko abo bashakashatsi babivuga mu cegeranyo cabo cacishijwe mu kinyamakuru Nature Communications, muri ibi bihugu harimwo Ubuyapani, Ubushinwa hamwe na Thailand.

Ubushakashatsi bwo muri kahise bwerekana ko umugera Sars-CoV-2 watanguye kuba mu gikoko, ahanini mu gahungarema, imbere y'uko winjira mu bantu.

Aho uwo mugera wandurutse neza na neza ntiharamenyekana n'aho umurwi w'abahinga b'ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS uherutse gukora amatohoza.

Mu bushakashatsi buheruka, umurwi urongowe na Lin-Fa Wang wo kw'ishure ry'ubuvuzi Duke-NUS Medical School muri Singapour watoye umugera ufitaniye isano rya hafi cane na Sars-CoV-2 mu mbata zororewe mu kigo c'ibikoko muri Thailand.

Uwu mugera wiswe RacCS203 urasa cane n'uwa Sars-CoV-2 ku bice 91.5%.

Urasa kandi n'uwundi mugera wa coronavirus - wiswe RmYN02 - watowe mu buhungarema buri ahitwa Yunnan mu Bushinwa, nawo ukaba ufitaniye isano na Sars-CoV-2 ku bice 93.6%.

Prof. Wang avuga ati: "Ni ngombwa ko ducungera cane inyamaswa. Kugira ngo tumenye inkomoko nyayo, iki gikorwa co gucungera gitegerezwa kurenga imbibe z'Ubushinwa".

Gusa ikibazo nyamukuru aho kiri ni ukumenya ingene iyi migera ya coronavirus ishobora kuva mu gikoko kimwe ikaja mu kindi, nk'akarorero mu buyabu, no mu mbwa.

Iyo uvuye mu bwoko bumwe bw'inyamaswa ukaja mu bundi, aha niho umugera ushobora guhinduka ugafata iyindi sura, ibi bikaba ari vyo bishobora gusigura ingene umugera wateye Covid-19 watanguye.

Dr Thiravat Hemachudha wo kuri kaminuza ya Chulalongkorn ku mugwa mukuru wa Thailand, Bangkok, ni umwe muri bano bashakashatsi mpuzamakungu.

Avuga ko iyi migera yatowe muri Thailand no mu Bushinwa iboneka ko "ishobora guhura n'iyindi maze ikavyara ubundi bwoko, umugera wa Covid-19 ukaba ari umwe muri bwo".

Prof. Martin Hibberd wo kw'ishure kaminuza ry'ubuvuzi rya Londres (London School of Hygiene & Tropical Medicine) avuga ko ivyavuye muri ubu bushakashatsi vyerekana ingene ubuhungarema n'iyi migera bishobora kuba ari yo ntandaro y'iki kiza bikwiragiye ahantu henshi.

Avuga ko ari ngombwa ko hakorwa ubundi bushakashatsi kugira ngo hamenyekane ingene umugera Sars-CoV-2 wateye iki kiza wavuye mu nyamaswa ukimukira mu bantu, ni mu gihe aba bahinga ba OMS baheruka mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa ata vyemezo nyavyo berekana ingene ibi vyabaye.