US: Batatu bapfiriye mw'irasana ryabereye kw'iduka ry'inkoho muri Louisiana

Abategetsi bavuga ko amatohoza akibandanya kuri iri duka ry'inkoho rya Jefferson

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abategetsi bavuga ko amatohoza akibandanya kuri iri duka ry'inkoho rya Jefferson

Abantu batatu bapfuye abandi babiri barakomereka mw'irasana ryabereye kw'iduka ridandaza inkoho muri reta ya Louisiana muri Reta Zunze Ubumwe za amerika.

Umukuru w'igiporisi w'akarere vyabereyemwo avuga ko "uwarashe ubwa mbere" yishe abantu babiri, bituma abandi bari muri iyo duka nabo batangura kurasa n'inkoho bari bafise.

Aba bantu babiri hamwe n'uyo muntu yatanguye kurasa bishwe, imyidondoro yabo ikaba itarashirwa ahabona.

Abategetsi bavuga ko amatohoza abandanya ku catumye haduka uko kurasana kw'iduka ry'inkoho rya Jefferson, muri karitiye iri ku mpera z'igisagara ca Nouvel Orléans/New Orleans.

Umukuru w'igiporisi mu karere ka Jefferson Joseph Lopinto yabwiye abanyamakuru ati: "Biboneka ko abantu batari bake baciye batana mu mitwe n'uyo muntu yatanguye kurasa".

"Ku vyo ntahura, hari benshi barashe hano, bamwe bafise kuba bari abakiriya, abakozi canke abasanzwe begereye hano nyene".

"Turiko turagerageza kwegeranya amakuru yose, kimwe ku kindi".

Tyrone Russell yari kuri iryo duka igihe uku kurasana kwaduka ku mugoroba w'ejo ku wa gatandatu.

Yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Associated Press ati: "Twumvise amasasu n'induru. Abaporisi bashitse baciye baduherekeza turasohoka. Nabona ibiyo vyamenaguritse vyasanzaye ahantu hose ...vyari biteye ubwoba".

Uyu mukuru w'igiporisi avuga ko aba bantu babiri bakomeretse bariko baravurwa kandi ko bameze neza.