Burundi-Bonesha FM: Imwe mu radio zari zarugawe yahawe uruhusha rwo kwongera gukora

Bonesha FM

Urwego rucungera ibimenyeshamakuru mu Burundi, CNC, rwatangaje ko mu nama yarwo yo ku wa gatanu uheze rwafashe ingingo yo "kuvanaho icemezo co ku wa 28 ukwezi kw'icenda mu 2017 caka uruhusha rwo gukora RSF-Bonesha FM."

Bonesha FM iri mu zatewe zirasamburwa canke zirononwa mu ntureka yakurikiye igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 z'ukwezi kwa 5 mu 2015.

Umuyobozi wa Bonesha FM, Leon Masengo, yakengurutse cane ico cemezo ashimira na cane cane umukuru w'igihugu yuguruye inzira y'uko ibinyamakuru vyafatiwe ibihano bisubira gukora.

Mu vyafatiwe ibihano bindi harimwo radio BBC n'ijwi rya Amerika VOA.

Itangazo rya CNC rivuga ko ingingo yafashwe yisunga icifuzo c'umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye ko ibinyamakuru vyafatiwe ibihano vyosubira gukora.

Bonesha FM izosubira kwumvikana ryari?

Bonesha FM igiye guhangana n'ibibazo bikomeye vy'ukuronka uburyo kugira koko isubire gushikiriza ibiganiro.

Masengo ati: "Inzu yonyene twakoreramwo ubu tuyifitiye miriyoni zirenga ijana (arenga $50,000)."

Uwo muyobozi avuga kandi ko ivyuma bimwe vyasambuwe mu 2015, "n'ibitasambuwe inyuma y'imyaka itanu ubu bitakimeze neza. Vyinshi bizosubirizwa nko ku rugero rwa 80%."

Leon Masengo avuga ko bazododora ku bahora babafasha imbere y'uko bugarirwa, n'abandi bose "bakunda ubwigenge bwo kumenyesha amakuru".

Yifuza kandi guhabwa umubonano n'umukuru w'igihugu kugira amusabe kubafata mu mugongo biciye mu kigega c'igihugu co gushigikira ibinyamakuru.

Ariko avuga ko radiyo ishobora gusubira kwumvikana "mu ndwi zitatu canke imbere y'aho."

Ku wa 28 ukwezi kwa mbere gushize, prezida w'Uburundi Evaritse Ndayishimiye niho yavuga ko yifuza ko ibinyamakuru vyafatiwe ibihano vyosubira kwugururwa. Hari mu nama n'abayobozi b'iminyamakuru bikorera mu Burundi.

Mu vyafatiwe ibihano harimwo radio BBC n'ijwi rya Amerika VOA. Uretse Bonesha-FM hari na RPA na radio-television Renaissance nazo zasambuwe ubu zikaba zikorera hanze y'igihugu.

Umukuru wa CNC, Nestor Bankumukunzi, yavuze mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ko "ibiganiro bizobandanya n'ibindi binyamakuru vyafatiwe ibihano".