Michelle Obama yumviye impuhwe Meghan ku macakubiri afatiye ku rukoba

Former first lady Michelle Obama

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Umugore w'uwahoze ari umukuru wa Amerika Michelle Obama avuga ko yizigiye ko hazoba igihe co "kubabarira"

Umugore w'uwahoze ari umukuru w'igihugu wa Amerika Michelle Obama yavuze ko "bitatangaje cane" kwumva Duchesse wa Sussex avuga ibijanye n'amacakubiri afatiye ku rukoba mu kiganiro giherutse guca kuri television.

Umupfasoni wa Obama yavugiye mu kiganiro Today ca NBC ku kiyago ca Meghan na Harry na Oprah Winfrey.

Meghan na Harry barugurutse baravuga ibintu bitari bike bijanye n'ubuzima bwabo bwite, harimwo ibijanye n'amagara yo mu mutwe.

Meghan yavuze ko Harry yabajijwe n'umuntu atavuzwe izina wo mu muryango w'i bwami ingene urukoba rw'umuhungu wabo Archie rushobora kuzoba ruzize.

Ikirimba ca Buckingham cavuze ko ibibazo vy'amacakubiri ashingiye ku rukoba vyavuzwe na Meghan na Harry, b'imyaka 39 na 36, biteye ''impungenge'', kandi ko "bizofatwa nkama" kandi vyigirwe mu muryango.

Mu kiganiro ciwe na NBC, Madame Obama yabajijwe icaciye mu mutwe wiwe igihe yariko araraba ikiganiro co guserura akari ku mutima Meghan yagiranye na Oprah.

"Kuba mu mabanga y'igihugu n'uguhagarara ahantu habona cane, hakarishe kandi hashushe'' nk'uko bivugwa na Madame Obama yamaze imyaka umunani muri Maison Blanche (White House) igihe umugabo wiwe, Barack Obama, yari umukuru w'igihugu.

"Kandi abantu benshi ntibavyumva, kandi ntibanategerezwa no kuvyumva. Ikintu ngumiza mu mutwe n'uko ivyo vyose biterekeye twebwe mu mabanga y'igihugu, vyerekeye abo dukorera."

Insiguro ya video,

Ikiganiro ca Meghan na Oprah: Impungenge ku "bwirabure" bw'umwana wa Meghan

Umupfasoni wa Obama, w'imyaka 57, yabajijwe ico avuga igihe yumva Meghan abwiye Oprah ko ''yahuye n'amacakubiri ashingiye ku rukoba".

Yishuye ati: "Nk'uko nigeze kubivuga, ibibazo vy'urukoba si bishasha muri iyi si ku bantu b'urukoba rutera, nta kinini cantangaje rero kwumva ivyamushikiye kandi akabivuga ku mugaragaro".

Mu kindi kiganiro na Access Hollywood, Madame Obama yavuze ko afise icizere ko Meghan na Harrry bazoronka inzira y'ingene basubiza hamwe n'umuryango w'i bwami.

Madame Obama yavuze ati: "Ico nizeye n'uko, iyo niyumviriye ibihe barimwo, nca niyumvira akamaro k'umuryango, ngaca nsenga ko hoba ikigongwe hakaba gushira umuco mu bintu n'urukundo n'ugufata ingingo igihe runaka".

Insiguro ya video,

Iganiro ca Harry na Oprah: Yavuze iki kuri se, igikomangoma Charles?

Madame Michelle Obama ari mu bantu bashigikiye Meghan kuva kera, aho amwita "umugenzi" n'"umuntu w'icitegererezo" nk'uko yavyanditse kuri Instagram mu 2019.

Harry n'umugenzi wa ba Obama kuva kera, bahuriye ku bikorwa vy'ubugiraneza. Umuryango wa Obama washigikiye mu ba mbere ibikorwa vya Harry mu mugambi wiwe wa Invictus Games Foundation.

Meghan yarahaye ikiganiro Obama ariko ategura inomero y'ikinyamateka ca British Vogue yari mu bagihagarariye mu 2019.

Muri uwo mugambi, uwo mu Duchesse yavuze ko mu bamufashije harimwo Madame Obama, avuga ko ari umuntu "yugurutse kandi yicisha bugufi".

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Harry yabaye umugenzi wa Bwana Obama igihe yari umukuru w'igihugu

Umupfasoni wa Obama yaratanguje imigambi itari mike igihe yari muri Maison Blanche ishingiye cane cane ku ngaburo n'amagara vy'abana.

Ubu ariko aramenyekanisha urukurikirane rw'ibiganiro vy'abana ku vyerekeye guteka Waffles+Mochi.

Ariko ku ndwi iheze, Madame Obama yavuze ko agire afate ikiruhuko c'izabukuru ko rero asigaye yemera imigambi mike yo gushigikira.