AstraZeneca: EU ivuga ko ivyiza vy'urwo rucanco biruta inkurikizi mbi

Ibihugu vyinshi vya Buraya vyabaye birahagarika gukoresha urukingo rwa AstraZeneca

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Ibihugu vyinshi vya Buraya vyabaye birahagarika gukoresha urukingo rwa AstraZeneca

Urwego rugenzura imiti mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya, EU, ruvuga ko rwemera rushimitse ko ivyiza vy'urucanco Oxford-AstraZeneca rwa Covid-19 birenze kure inkurikizi mbi.

Urwo rwego rwavuze rushimitse ko "ata kimenyetso na kimwe" cerekana ko urwo rucanco rutuma amaraso avura, inyuma y'aho ibihugu vyinshi bikomakomeye vyo muri EU bihagarikiye kurukoresha.

Umukuru w'urwego rujejwe kugenzura imiti mw''ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya (EMA), Emer Cooke, yamenyesheje ko urwo rwego rwagumijeho icemezo co kwemeza urwo rucanco.

Amatohoza ku bantu bake bavuze amaraso inyuma yo kuronswa urwo rucanco aracabandanya.

Ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO ryasavye ivyo bihugu kudahagarika urwo rucanco.

Abahinga mu bijanye n'incanco muri OMS bakoranye kuri uyu wa kabiri kugira bihweze ivyerekeye urwo rucanco rwa Oxford-AstraZeneza.

EMA ivuga ko abantu vyavuzwe ko bavuze amaraso inyuma yo kuronswa urwo rucanco atari benshi kuruta abasanganywe ico kibazo muri rusangi.

Umupfasoni Cooke yavuze ati: "Turazi ko abantu ibihumbi n'ibihumbi bagira ikibazo co kuvura amaraso muri EU, ubu rero ico dushaka, n'ukumenya nimba ivyo bintu vyatewe n'urwo rucanco canke n'ibindi bintu."

Yongeyeko ati: "Mu gihe amatohoza akibandanya, ubu turacemeza tudakekeranya ko ivyiza vy'urucanco AstraZeneca mu kugwanya Covid-19, harimwo n'inkurikizi y'iyo ngwara yo kuja mu bitaro no gupfa, biruta kure izo ngaruka mbi."

Ivyavuye mu matohoza ya EMA vyitezwe kuja ahabona ku musi wa kane.