Tanzania: Prezida Samia Suluhu yagenye abagize reta

Prezida Samia Suluhu

Ahavuye isanamu, IKULU TANZANIA

Prezida Samia Suluhu yagenye abagize reta inyuma yo kurahiza icegera ciwe Dr Philip Mpango kuri uyu wa gatatu.

Mu bashikiranganji binjiye muri reta nshasha ya prezida Samia Suluhu harimwo Mwigulu Nchemba yahawe ubushikiranganji bw'ikigega ca reta. Yasubiye mu kibanza cahoramwo Dr Philip Mpango, yabaye icegera c'umukuru w'igihugu .

Uwundi yinjiye muri reta ni Liberata Mulamula yashinzwe ubushikiranganji w'imigenderanire no gufashanya mu karere ka Afrika y'ubuseruko.

Yahora ari umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bw'imigenderanire, akaba yanahoze aserukira Tanzania muri Amerika.

LIberata Mulamula yarabaye kandi umunyamabanga nshingwabikorwa w'ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vyo mu biyaga binini, ICGLR/CIRGL rifise icicaro mu Burundi.

Uwahoze arongoye ubwo bushikiranganji, Palamagamba Kabudi yagenywe gutwara ubushikiranganji bw'ubutungane n'ibwirizwa shingiro.

Mu bashikiranganji bahinduriwe ibibanza harimwo Ummy Mwalimu yahora mu bushikiranganji bw'ibidukikije yagiye mu bushikiranganji bujejwe intara n'ubutegetsi bw'ibanze.