US yafuse ibihano ubutegetsi bwa Trump bwafatiye umushikirizamanza mukuru wa CPI / ICC

Fatou Bensouda

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Ibi bihano vyari vyafatiwe Fatou Bensouda ku butegetsi bwa Donald Trump igihe CPI itanguza amatohoza ku vyaha vyo mu ntambara vyoba vyarakorewe muri Afghanistan

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zakuyeho ibihano vyari vyafatiwe umushikirizamanza mukuru wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ( CPI/ICC), Fatou Bensouda.

Ibi bihano vyari vyafashwe ku butegetsi bw'uwahoze arongoye iki gihugu Donald Trump inyuma y'aho itangarije ko yari igihe gukora amatohoza ku vyaha vyo mu ntambara vyoba vyarakozwe n'abasirikare ba Amerika muri Afghanistan, hamwe n'incuti ya Amerika Israel mu turere twa Palestina.

Igihe yamenyesha iyi ngingo, umunyamabanga wa Reta ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, yavuze ko ibi bihano "bitari bikwiye gufatwa kandi ko ataco vyari bimaze", aca asaba ko hoba ugukorera hamwe.

Amerika ntiri muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Amerika kandi yakuye ku rutonde rudasanzwe rw'abantu bakurikiranirwa hagufi Phakiso Mochochoko arongoye igisata ca CPI kijejwe imanza, ubwuzuzanye n'ugufashanya, yongera kandi ifuta ingingo yo kwima impusha zo kwinjira muri Amerika abakozi ba CPI yari yafashwe mu 2019.

Blinken yavuze ko Amerika ibandanya "yiyamiriza yivuye inyuma ingingo za CPI ku bijanye n'ivyabereye muri Afghanistan hamwe na Palestine", kandi ko yamirira kure "ingendo ya CPI yo gucira imanza abantu bo mu bihugu bitari muri iyo sentare nka Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Israel".

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Umunyamabanga wa Reta, Antony Blinken, asaba ko hoba ugufashanya gukomeye hagati ya Amerika na CPI/ICC

Ati: "Hagati aho, twemera ko impungenge zacu kuri ibi bibazo zotorerwa umuti biciye mu gukorana n'abo bose bafise uruhara mu bikorwa vya CPI aho kubicisha mu bihano".

Avuga ko Amerika yakiriza yompi impinduka ziriko zirategurwa kugira ngo CPI ifashwe "kwitaho cane gusumba ivya nkenerwa vyayo no gushika ku ntego yayo nyamukuru yo kuba sentare ya nyuma mu guhana no guhagarika ivyaha vy'agahomerabunwa".

Mu mwaka uheze, ubutegetsi bwa Trump bwaragirije CPI kuvogera ubusugire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika igihe yatanguza amatohoza ku vyaha vyo mu ntambara bishobora kuba vyarakozwe n'ingazo za Amerika, iz'Abatalibani hamwe n'iza Afghanistani muri Afghanistan.

Igihe yatangaza ibi bihano, uwasubiriwe na Blinken, ari we Mike Pompeo, yavuze ko iyi sentare ari "urwego rwapfuye rubi kandi rwamunzwe na ruswa".

CPI yishuye ko ibi bihano ari igitero gikozwe ku butungane n'amategeko mpuzamakungu.

Umupfasoni Bensouda azorangiza ikiringo ciwe mu kwa gatandatu, akazosubirirwa n'umunyamategeko w'umwongereza Karim Khan asanzwe ari mu baharanira agateka ka kiremwa muntu.