Ayavugwa mu mupira w'amaguru i Buraya ku wa mbere itariki 05.04.2021: Neymar, Mbappe, Haaland, Messi, Rice, Soucek

Neymar na Mbappe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abakinyi ba PSG Neymar na Mbappe

Umukinyi w'imbere wa Brezil Neymar, 29, yagiriraniye amasezerano na Paris St-Germain gushika mu 2026 - ubu uwo mugwi wo mu Bufaransa ukaba uriko urita ku rutare mu kugiriranira amasezerano nkayo n'umukinyi w'imbere w'Ubufaransa Kylian Mbappe, 22. (Telefoot, via AS).

Umukinyi w'imbere wa Borussia Dortmund, Erling Braut Haaland ashobora gutwara uwo mugwi amapawundi imiliyoni 34 kubera uwumuhagarariye Mino Raiola na se wiwe Alf-Inge bakeneye amapawundi imiliyoni 20 za komisiyo ku masezerano yiwe. (RAC1, via Marca)

Mu masezerano ya Haaland azorangira muri uyu mwaka, harimwo ko ashobora kuja mu wundi mugwi ku mapawundi imiliyoni 64, ariko ashobora kuva muri uwo mugwi mw'ici riza mu gihe Dortmund itobandanya kuvyifatamwo neza mu nkino za Bundesliga, ntimaje no mu gikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo. (Sun).

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umukinyi w'imbere wa Borussia Dortmund, Erling Braut Haaland

Hari urukurukuru rwavuga ko Haaland, 20, ashobora kuja muri Barcelone, ariko umumenyereza w'uwo mugwi Ronald Koeman yavuze ko ingingo iyo ari yo yose yerekeye kugura abakinyi itegerezwa gufatwa na prezida Joan Laporta. (AS).

Lionel Messi arindiriye kuraba imigambi ya Laporta ku mugwi Barcelone imbere y'uko afata ingingo yo kuguma muri uwo mugwi canke kuja muri PSG canke Manchester City. (Mundo Deportivo-in Spanish)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Angel di Maria yavuze ko yonezerwa akinanye na Messi mu mugwi wa PSG mu gihe uwo mukinyi w'imyaka 33 yoba avuye muri Barcelone. (beIN Sports,via Goal).

Umumenyereza wa Leicester, Brendan Rodgers, afise icizere co gusinyisha umukinyi wo hagati Mskoti Callum McGregor,27, wo mu mugwi wa Celtic. (Sun).

Umumenyereza wa West Ham, David Moyes, yavuze ko uwo mugwi uzotega amatwi abashaka kugura abakinyi Declan Rice,22, hamwe n'umukinyi wo hagati Tomas Soucek,26, mw'ici riza. (Mirror

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

West Ham yiteze kugurisha abakinyi Declan Rice na Tomas Soucek

Manchester United na Juventus n'imigwi yerekana ko yipfuza cane kugura umukinyi w'imbere wa Barcelone umufaransa Ousmane Dembele, 23, ariko Liverpool na PSG na bo baguma bamukurikiranira hagufi. (Mundo Deportivo-in Spanish).

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abakinyi ba Barcelone Lionel Messi na Ousmane Dembele

Umukinyi wa Espagne ucas Vazquez,29, amasezerano afitaniye na Real Madrid agiye kurangira muri uyu mwaka, ashobora kwerekeza mu migwi ya Manchester United, Chelsea, AC Milan na Bayern Munich. (ABC-in Spanish)

Juventus nta bushobozi bafise bwo kuriha amapawundi imiliyoni 8.5 umugwi wa Athletico Madrid mu ntumbero yo kwongerereza amasezerano umukinyi w'imbere wa Espagne Alvaro Morata y'uwundi mwaka umwe kubera ikibazo c'ubukene bw'amahera. (AS)

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Umukinyi w'imbere wa Espagne, Alvaro Morata

Umukinyi w'inyuma wa Everton na Colombia, Yerry Mina, 26, ashaka kwungururiza mw'ihiganwa ryo mu Butaliyano mw'ici riza, aho imigwi ya Inter Milan na Fiorentina imwipfuza cane. (Sun)

Umumenyereza wa Manchester United Ole Gunnar Solskjaer yavuze ko umukinyi w'imbere wa Argentine Sergio Aguero, 32, adashobora kuza muri uwo mugwi inyuma yo kurangiza ikiringo ciwe mu bakeba babo ba Manchester City muri uyu mwaka. (Goal)