Igisagara ca Palma co muri Mozambique 'catswe' intagondwa za Islam

Benshi bahungiye Pemba n'ubwato

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abantu ibihumbi barahunze ico gisagara kiri ku nkengera inyuma yaho habereye igitero

Igisirikare ca Mozambique cemeza ko ubu casubiye kwigarurira igisagara cose ca Palma kiri ku nkegera , indwi irenga gitewe n'intagondwa za Islam.

Umuvugizi wa gisirikare yavuze ko mu bateye "abatari bake" bishwe mu gitero co kubatuza .

Iradiyo y'igihugu yavuze ko abari barahunze batanguye kugaruka - bamwe basanga ingo zabo zarasahuwe.

Abantu basanzwe baharugwa muri mirongo barishwe, abashika nibura ibihumbi 11 barahunga inyuma yaho intagondwa z'aba Islam zitereye Palmna ku wa 24 ukwezi kwa gatatu.

Umuntu umwe aturuka muri Afrika y'Epfo n'uwundi aturuka mu Bwongereza bari mu bishwe muri ico gitero ca mbere gikomeye cane mu ntara ya Cabo Delgado mu buraruko bwa Mozambique kuva hatanguye kuba bene ivyo bitero muri ako karere mu 2017.

Gushika ubu uburyo bwo guhanahana ubutumwa muri ico gisagara c'abantu 75.000 ntibukora.

Izo ntagondwa, ngaho bita al-Shabab, zivuga ko ziyoboka umuhari wa Etat Islamique EI canke Islamic State IS.

Igitero cazo kuri Palma catumye ikompanyi ikomeye mu gucukura ibitoro na gaz, Total , ihagarika umugambi wayo wa za miriyaridi z'ama dolari wo gucukura gaz (umwuka) ahitwa Afungi, hatari kure y'igisagara.

Ahavuye isanamu, Dyck Advisory Group/Handout via REUTERS

Insiguro y'isanamu,

Ubutumwa bwo gusaba ubufasha bwarabonywe ku mbuga y'ihoteri Amarula yo muri Palma

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Total yavanyeyo abakozi bayo ku wa gatatnu, mu gihe ONU nayo yahagaritse indege zayo zo guhungisha abanyagihugu kubera ubwoba bw'umutekano muke.

Umuvugizi wa gisirikare Brigadier Chongo Vidigal yavuze ko aharangurirwa imirimo ijanye n'uwo mugambi wa gaz hacungerewe kandi ko Palma ubu ari "nyabagendwa".

Brig Vidigal yasubiwemwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP avuga ko ''Ikibuga c'indege nico conyene twari dusigaje kugenzura, ivyo navyo twabikoze [ku wa mungu].

"Ubu ni nyabagendwa cose,".

Mu masanamu ya nbere ava muri Palma yagiye ahabona inyuma y'ico gitero, television ya reta yerekanye abasirikare bariko barafuka ibiziga n'ubumwanya bwirabura ku mabarabara , nk'uko bivugwa na Jose Tembe wa BBC ku murwa mukuru Maputo.

Ibitaro, amabanki hamwe n'ibiro vy'umushikirizamanza muri ico gisagara vyarasambuwe, nk'uko bibandanya bivugwa n'uwo mumenyeshamakuru.

Umukuru w'intara ya Cabo Delgado, Valgy Tauabo, yaragendeye Palma ku wa mungu, yemera gufasha abantu gusubira kwubaka ubuzima bwabo.

Brig Vidigal yavuze ati : "Ubu tugiye ku yindi ntambwe, intambwe ikomeye cane yo kugenzura igisagara, aho duha ikaze abantu kugaruka bava mu mashamba bahungiyemwo".

Abantu ibihumbi bahungiye n'ubwato muri Pemba , umurwa mukuru wa Cabo Delgado.

Ubwoba ko ubwo bubisha bushobora gukwira ahandi

Umwihwezo wa Jose Tembe.

Abantu benshi baribaza igituma vyafashe iminsi hafi 10 kugira ingabo za reta zisubire kugaruza Palma.

Bisigura ko izo ntagondwa ziriko zirakomera, ingabo za reta nazo zikaba zitorohewe mu gikorwa co guhangana n'ivyo bitero.

Ikigo cigenga gikora ibijanye n'umutekano co muri Afrika y'Epfo , Dyck Advisory Group, kigize igihe gifasha ingaboza reta kurwanya ivyo bitero, ariko reta ntiyigeze yemera ku mugaragaro ko kiyifasha, kandi hari amakuru ko ishobora kuba yarahagaritse amasezerano.

Umuryango w'ibihugu vy'ako karere (SADC) wimirije kwiga ico kibazo mu nama itegekanijwe muri iyi ndwi , mu gihe hari ubwoba ko ivyo bikorwa vy'intagomdwa bishobora gukwira ibindi bihugu.

Hari abasavye ko horungikwayo ingabo z'akarere, ariko reta ya Mozamibique gushika ubu yagumye inana. Benshi mu ncabwenge baremera iyo ngingo ya reta, bavuga ko kurungikayo ingabo z'akarere bishobora gutuma ikibazo kigorana gusumba, bamwe mbere mu ngabo zayo bakaba bashobora kuba ivyitso vy'izo ntagondwa.

Ahubwo isaba ko ingabo zayo zihabwa uburyo n'ubumenyi bwo kurwanya izo ntagondwa - igitigiri kitazwi c'abigisha b'abanyamerika kikaba kija kimaze gushika muri Mozambiwue muri iyo ntumbero.

Na Protugal, igihugu cahoze gitwara Mozambique gikoroni, naco camenyesheje ko kizorungika abasirikare 60 mu minsi iri imbere kwigisha.