'Covid yashize ahabona ubusumbasumbane kw'isi' - Amnesty

Ingingo zo gukumira ikiza Covid nko kwugarana abantu zagize ingaruka mbi cane ku bantu batobato

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Ingingo zo gukumira ikiza Covid nko kwugarana abantu zagize ingaruka mbi cane ku bantu batobato

Iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International, rivuga ko ikiza coronavirus cashize ahabona ingene hari ubusumbasumbane bunini cane hirya no hino kw'isi.

Mu cegeranyo c'umwaka cashizwe ahabona ku musi wa gatatu, kivuga ko ingaruka mbi zagaragaye ku bantu bafise ibibazo nk'impunzi n'abimukira.

Aha badoma urutoke kw'iyugarwa ry'imbibe za Uganda ico kiza kigitera vyagize ingaruka mbi ku mpunzi 10,000 zo mu gihugu ca Republika ya Demokrasi ya Kongo.

Kivuga kandi ko ihohoterwa ry'abakenyezi ryiyongereye hamwe n'amatati yo mungo bivuye ku ngingo zo kuguma muhira.

Ico cegeranyo kiranebagura bamwe mu bategetsi bwo kw'isi bikika inyuma y'ico kiza mu kubangamira agateka ka zina muntu. Ibihugu vya Philippines, Nigeria, Brezil n'Ubuhinde vyagirizwa kwitwaza ico kiza mu gushiraho amategeko y'umukazo.

Ico cegeranyo kandi kiravuga ku bihugu bikize vyaguze igice kinini c'incanco bituma ibindi bihugu bisigara mu ngorane.

Umunyamabanga mukuru wa Amnesty International, Agnes Callamard avuga ati: "Iki kiza carashize ahagaragara ukuntu isi idashobora gufatana mu nda mu bihe bigoye."