Fifa yahagaritse Tchad mu bikorwa vyose vy'umupira w'amaguru kuko reta ivyivangamwo

Fifa logo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Fifa yahagaritse Tchad mu bikorwa vyose vy'umupira w'amaguru gushika hatanzwe ubundi butumwa kubera reta yivanga mu bikorwa vy'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri ico gihugu.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y'aho umushikiranyanji w'urwaruka no kwinonora imitsi muri ico gihugu ahagarikiye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Tchad mu kwezi kwa gatatu.

Inyuma y'iryo tangazo, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa Afrika CAF ryaciye rihagarika ico gihugu mu mahiganwa yo kuja mu nkino z'igikombe ca Africa zizobera muri Cameroun mu mwaka uza.

Tchad nta nkino mpuzamakungu cari gisigaje kuko camaze no kuva mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi co mu 2022 inyuma yo gutsindwa mu majonjora na Sudan mu 2019.

Itangazo ry'urwego rurongoye umupira w'amaguru kw'isi rivuga riti: "Ibiro vy'akanama karongoye FIFA bishobora guhagarika ico gihano igihe ico ari co cose imbere y'uko haba ikoraniro ry'iryo shirahamwe kandi tuzobibamenyesha."

Ikoraniro ryimirije ritegekanijwe kubera ku buhinga bwa internet itariki 21 z'ukwezi kwa gatanu.

Itangazo rya FIFA rivuga "Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Tchad, FTFA ritakaje uburenganzira bwose bujanye no kuba umunywanyi nk'uko biri mu ngingo ya 13 k'amategeko ayigenga, iyo ngingo ikaba igiye mu bikorwa ubwo nyene gushika hamenyeshejwe iyindi ngingo.

"Ubuserukizi bwa FTFA hamwe n'imigwi ntibikirekuriwe kwitaba amahiganwa mpuzamakungu gushika igihe hazoba hakuweho izo ngingo zo guhagarikwa.

"Ibi kandi bisigura ko yaba FTFA, abayigize canke abategetsi bayo ata n'umwe arekuriwe kuronswa ivyigwa canke inyigisho nkarishabwenge vya FIFA.

"Uretse ivyo, tubibukije, mwebwe n'abo musanzwe mukorana, kudahirahira ngo mugiriranire imigenderanire ijanye n'umupira w'amaguru na FTFA hamwe n'imigwi iyigize igihe izoba ikiri mu bihano."