Uganda - Burundi: Abagore 41 babohowe bagiye gucuruzwa mu bihugu vy'abarabu

uganda map

Abarundikazi 41 bari bugaraniwe mu nzu imwe i Kampala muri Uganda, bagomba kujanwa mu bihugu vy'abarabu hadakurikijwe amategeko, babohowe nk'uko vyemezwa n'abajejwe iperereza.

Umugabo umwe ni we yagirizwa ko ari we yari abatwaye, Uganda ivuga ko ubu igomba gusubiza aba barundikazi mu gihugu cabo.

Charles Twine, umuvugizi w'ibiro vy'iperereza vya Uganda yabwiye BBC ko abo bagore bose bavuye mu Burundi bazanwa muri Uganda, aho bashizwe mu nzu barindiriye kujanwa mu bihugu vy'abarabu.

Urudandaza rutemewe rwo gutwara abarundikazi mu bihugu vy'abarabu gukoreshwa ibikorwa vyo mu ngo rumaze imisi ruvugwa.

Twine avuga ko hafashwe umugabo w'umurundi w'imyaka 40 yagirizwa gukora urwo rudandazwa, abo yari atwaye bakaba bari bashizwe mu nzu iri ahitwa Bulenga mu gisagara ca Kampala, bakaba batari bafise uruhusha rwo gusohoka.

Avuga ko abagira amatohoza bifashishije amakuru bakuye ku barundi baba i Kampala kugira bamenye inzu abo barundikazi bari bafungiwemwo, barindiriye kuva muri Uganda.

Ibinyamakuru vyo muri Uganda bivuga ko hari abarundikazi bafatanywe n'uwo mubago bavuga ko yabakoresheje imibonano mpuzabitsina.

Twine yabwiye BBC ko gushika ubu ata kirego barakira ko hari abo uwo mugabo yoba yarafashe ku nguvu muri abo bagore.

Mu butumwa bwanditse Twine yagize ati: "Ubu hariko harakorwa igikorwa co gusubiza mu gihugu cabo abo bafashwe, hanyuma uwo yagirizwa icaha na we akurikiranwe n'ubutungane."

Igitigiri kitari gito c'abarundikazi gica mu bihugu bimwe bimwe mu karere k'ubuseruko bwa Afrika, cane cane muri Kenya, bajanywe mu bihugu vy'abarabu, urudandazwa rw'abantu bivugwa ko hariho n'abategetsi barufisemwo uruhara kubera igiturire.