Kenya-Covid-19: Amerika yahanuye kureka ingendo zo muri ico gihugu

Abafite imyaka 80 y'amavuko kuzamura ni bo yibasira cyane, nkuko ubu bushakashatsi bushya bubivuga

Ahavuye isanamu, AFP

Ikigo co kugwanya ingwara muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika (CDC) kiragabisha abanyagihugu b'ico gihugu kudahirahira ngo baje muri Kenya kivuga ko ico gihugu kirimwo abantu benshi bandura umugera wa Covid-19, ku rugero rwa 4 (a level 4 alert).

Iryo gabisha ryabaye itariki 7 z'ukwezi kwa kane, rivuga ku kibazo c'amagara y'abantu bivuye ku murindi wo kwandura corona muri Kenya hamwe n'ukwiyongera kw'ubugizu bwa nabi, iterabwoba hamwe no kunyuruzwa.

Abanyamerika bafata ingendo bahanuwe na CDC kubanza gusoma ibijanye no gufata ingendo imbere yo kuzifara kubera ikibazo c'ikiza Covid-19.

Insiguro y'amajwi,

Ibibazo kuri Covid-19: Abana boba bayandura?

N'aho habaye iryo gabisha, indege ziva mu mahanga zirabandanya kuja muri Kenya.

Mu mpera z'ukwezi kwa gatatu, prezida Uhuru Kenyatta yahagaritse uruja n'uruza mu ntara zitanu zo muri Kenya harimwo n'igisagara ca Nairobi, Kajiado, Machakos, Kiambu na Nakuru mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira ry'umugera wa Corona.

Iyi ngingo yafashwe kubera igitigiri c'abantu bandura iyo ngwara ciyongereye incuro cumi nk'uko bivugwa na prezida Kenyatta.

Nta ruja n'uruza mw'ibarabara, indege canke gariyamoshi rwemerewe hagati y'ibindi bice vy'igihugu n'utwo turere tuvugwa ko turimwo ibitigiri vyinshi vy'abanduye Corona.