North Korea: umukuru w'iki gihugu Kim Jong-un aragabisha ko 'ibintu bitoroshe'

Kim Jong-un

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Kim Jong-un yemeye ko igihugu kiriko kija mu bihe bidasanzwe, amajambo atari amenyerewe kuri we

Umukuru wa Koreya y'Uburaruko Kim Jong-un asaba abanyagihugu ko bokwitegurira ibihe "bitoroshe", inyuma y'aho abaharanira agateka ka zina muntu bagabishirije ko igihugu gihanzwe n'ubukene bw'imfungurwa mu gihe ubutunzi butifashe neza.

Mw'ijambo yashikirije mw'ikoraniro ry'umugambwe, Kim yagereranije ingene ibintu vyifashe ubu n'amapfa yo mu myaka ya 1990 yihaye inkumbi.

Koreya y'Uburaruko yarugaye imbibe zayo kubera ikiza karanda ca coronavirus.

Vyatumye urudandaza hagati y'iki gihugu n'Ubushinwa ruhagarara mu gihe rwari bwo buraro n'uburamuko bw'ubutunzi bwaco.

Ibi vyaje vyiyongera ku bihano vy'ubutunzi iki gihugu cafatiwe n'amakungu kubera umugambi waco wo guhingura ubutare bw'ubumara.

Mu majambo atamenyerewe kuri we yo kwemera ko hari ibihe bigoye biri imbere, uyu mutegetsi yateye akamo ejo ku wa kane abategetsi b'umugambwe "kwitegurira urundi 'Rugendo Rutoroshe' (Arduous March/Marche Ardue) kugira ngo abanyagihugu bacu baronke agahengwe n'akanya na gato".

Ijambo Arduous March (Urugendo Rutoroshe) ni ijambo risanzwe rikoreshwa n'abategetsi ba Koreya y'Uburaruko bagomba kuvuga urugamba rw'iki gihugu mu gihe c'amapfa yo mu myaka ya 1990 yihaye inkumbi, igihe icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z'Abasoviyeti casambuka, Koreya y'Uburaruko igasigara yifumbereje.

Bivugwa ko hafi abantu imiriyoni zitaru ari bo bapfuye muri ico gihe.

Mu ntango z'iyi ndwi, Kim yaragabishije ko igihugu ciwe gihanzwe "n'ibihe bidasanzwe bitari bwigere bibaho" hamwe "n'ingorane nyinshi mu buryo butari bwigere bubaho".

Ahavuye isanamu, KCNA

Insiguro y'isanamu,

Koreya y'Uburaruko yerekanye ibirwanisho vyayo muri defire yo mu kwa mbere, n'aho ico gihe ikibazo c'ubukene bw'imfungurwa cari gitanguye kwibonekeza

None ibintu bihagaze gute?

Haciye amezi atari make haba ukugabisha ko abanyagihugu ba Koreya y'Uburaruko bari mu ngorane.

Amakuru avuga ivy'ubuzima bugoye asa n'ayava cane cane mu bisagara biri hafi y'urubibe iki gihugu gihana n'Ubushinwa, aho abatari bake bari babeshejweho n'urudandaza rwa magendo.

Igiciro c'ibigori, imfungurwa nyamukuru ku banyagihugu batari bake ba Koreya y'Uburaruko baba mu misozi, kivugwa ko caduze cane gushika n'aho ikiro kimwe c'ibigori cagurwa igiciro kirenga umushahara w'ukwezi.

Lina Yoon, umushakashatsi mw'ishirahamwe Human Rights Watch, mu cegeranyo giheruka asubiramwo ibivugwa n'abantu atavuze umwidondoro, yavuze ko "haheze hafi amezi abiri bisa n'uko ata mfungurwa zinjira mu gihugu zivuye mu Bushinwa".

"Hari benshi basigaye babeshejweho no gusegerereza, abantu bamwe barapfuye bishwe n'inzara mu karere k'umupaka, kandi nta sabune, nta muti w'amenyo, canke amabeteri".

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Mu kwezi guheze, itumwa idasanzwe ya ONU mu murwi wa Koreya y'Uburaruko ujejwe agateka ka zina muntu, Tomás Ojea Quintana, yasohoye icegeranyo agabisha ko "hari ikibazo gikomeye c'ubukene bw'imfungurwa" cariko gitera indwara z'ugufungura nabi n'inzara.

"Hari amakuru avuga ko hari abapfuye bahitanywe na kigoyi, kandi ko ibitigiri vy'abana n'abatama basigaye babeshejweho n'ugusegerereza vyiyongereye, kubera imiryango yabo itagishoboye kubatunga".

Kubera iki Koreya y'Uburaruko iri mu bibazo?

Ubutunzi bwa Koreya y'Uburaruko buri mu butunzi bwugaranywe cane kw'isi kandi buvugwa ko budahagaze neza, ni mu gihe busanzwe bugenzurwa bikomeye na reta.

Ibikorwa vy'ugukomeza inzego za gisirikare n'iz'umutekano bituma abanyagihugu basanzwe ba Koreya y'Uburaruko basigara bifumbereje.

Ibihano vy'ubutunzi Koreya y'Uburaruko yafatiwe n'amakungu mu ntumbero yo kuyitera igitsure ngo ihebe umugambi wayo wo guhingura ubutare bw'ubumara vyarunyuye ibintu, co kimwe n'ingingo ya reta yo kwugara imbibe z'iki gihugu mu ntumbero yo kuzibira coronavirus.

Kuva mu ntango za 2020, urudandaza hagati y'iki gihugu n'Ubushinwa, ari rwo buraro n'uburamuko bw'abanyagihugu, rwarahagaze.

Koreya y'Uburaruko ivuga ko iyi ngingo yo kwugara imbibe yatumye Covid-19 idashika mu gihugu, n'aho abihweza ibintu n'ibindi bafise amakenga kuri aya makuru.