Egypt: 'Igisagara c'inzahabu' cerekanye ubuzima bw'abami ba kera

A new archaeological discovery is seen in Luxor, Egypt

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Ico gisagara ca kera catowe hagufi y'ivyibutso bizwi cane vyo mu Misiri

Itorwa ry'igisagara kimaze imyaka 3.000 cari canyikiye mu musenyi mu Misiri cashimagijwe nka kimwe mu bintu bikomeye bimaze gutorwa kuva habonetse imva ya Tutankhamun,

Umuhinga mu vya kahise ka Misiri Zahi Hawas yamenyesheje ko yatoye ico 'gisagara c'inzahabu' hagufi ya Luxor ku musi wa kane.

Yavuze iko ico kibanza yatowe cari igisagara kinini cane ca kera, cari kizwi kw'izina rya Aten, kitari bwatorwe mu Misiri.

Ico gisagara catowe inyuma y'indwi zitari nke batanguye kwimba kuva mu kwezi kw'icenda mu 2020.

Ico gisagara n'ico ku ntwaro ya Amenhotep III, umwe mu bami b'abafarawoni bari bakomeye, yatwaye kuva mu 1391 gushika mu 1353 BC [imbere y'umuzo wa Yezu Kristu].

Ico gisagara cabandanije gukoreshwa n'abafarawo Aly na Tutankhamun, imva zabo ziherutse gutorwa zisa n'izikimeze neza mu kiyaya c'abami n'umwongereza Howard Carter mu 1922.

Umwigisha w'akahise ka Misiri kuri kaminuza ya John Hopkins i Baltimore muri Amerika yavuze ati: "Itorwa ry'ico gisagara cari caranyitse n'ikintu ca kabiri gikomeye gitowe inyuma y'imvaka ya Tutankhamun,"

Yavuze ko ico gisagara gishobora "kutwereka ibintu bitari bizwi ku buzima bw'abanya Misiri ba kera" mu gihe iyo ngoma yari itunze cane.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Ibintu vy'agaciro vyaratowe muri ico kibanza, hagufi y'ikiyaya c'abami

Ahavuye isanamu, Dr Zahi Hawass on Facebook

Insiguro y'isanamu,

Ico gisagara vyemezwa ko cashinzwe na Amenhotep III, umwe mu bategetsi ba Misiri bari bakomeye cane

Mu kuzimu bahasanze ibintu vyinshi vy'agaciro nk'ibisharizo abantu bambara, inkono zisize amarangi atandukanye, amatafari y'ivyondo ariko ikidodo ca Amenhotep III.

Uwo mugwi watanguye kwimba mu burengero bwa Luxor hagufi y'ikiyaya c'abami, nko ku birometero 50 mu bumanuko bw'umugwa mukuru Cairo.

Mw'itangazo rya Dr Hawass yagize ati: "Muri izi ndwi, igitangaro ku mugwi wacu, hatanguye kuboneka amatafari y'ivyondo mu bice vyose,

"Ico babonye mu kuzimu n'ikibanza c'igisagara kinini kikimeze neza, n'impome zisa n'igizikwiye zose, hamwe n'ivyumba vyuzuye ibikoresho vyo mu buzima bwa misi yose."