China yanse umugambi wa OMS/WHO wo gukora ayandi matohoza ku mamuko ya Covid

Zeng Yixin avuga ko yakubiswe n'inkuba abonye ivyo OMS isaba, kandi ko ari ibintu bidashobora kwemerwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Zeng Yixin avuga ko yakubiswe n'inkuba abonye ivyo OMS isaba, kandi ko ari ibintu bidashobora kwemerwa

Ubushinwa buriyamiriza ibisabwa n'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, vyo gukora ayandi matohoza ku mamuko y'ikiza-karanda ca Covid-19.

Umukuru wa OMS Muganga Tedros Adhanom Ghebreyesus yateye akamo Ubushinwa ko bwokwifatanya n'abazokora ayo matohoza mu kurondera kumenya ingene uwu mugera watanguye, harimwo n'ubugenzuzi ku ma laboratoires.

Zeng Yixin, icegera c'umushikiranganji w'amagara y'abantu, avuga ko ibi vyerekana "agakengere n'agasuzuguro mu bijanye n'ubuhinga".

Avuga ko uwu mugambi ufise intumbero za poritike, rero ko Ubushinwa budashobora kuwihanganira.

Mu kwa mbere uno mwaka, OMS yashoboye kurungika umurwi w'abahinga i Wuhan - igisagara catowemwo ubwa mbere uwo mugera mu kwa cumi na kabiri 2019 - kugira ngo bihweze amamuko y'iki kiza.

Amatohoza yabo yerekanye ko hari amahirwe make cane y'uko coronavirus yoba yacorotse iva muri laboratoire, ariko abantu babandanya bibaza uko.

Mu ntango z'uku kwezi, Dr Tedros yashikirije integuro y'aya matohoza agira kabiri asabwa, harimwo gukora umwihwezo ku bigo bijejwe ubushakashatsi mu bijanye n'ubuhinga mu turere twatowemwo uwo mugera ubwa mbere.

Asaba Pékin/Beijing "gukorera mu muco, kudahisha na kimwe no gufashanya" n'abajejwe amatohoza kandi igatanga amakuru atatanzwe mu matohoza ya mbere ku barwayi ba mbere .

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, Zeng yavuze ko aguye mu gahunwe yumvise ibisabwa na OMS kubera yibanda ahanini ku bivugwa ko Ubushinwa bwahonyanze ingingo ngenderwako zijanye n'ibikorwa vya laboratoire.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Avuga ko Ubushinwa "budashobora" kwemera ibisabwa, yongerako kandi y'uko igihugu ubwaco catanze urutonde rw'ivyokorwa ku bijanye n'amahotoza ku nkomoko y'uwu mugera.

Reuters yasubiyemwo amajambo ya Zeng aho yavuga ati: "Twizeye ko OMS izokwihweza neza ivyiyumviro n'intumbero vyashikirijwe n'abahinga b'abashinwa hanyuma igakora amatohoza ku nkomoko ya Covid-19 yisunze ubuhinga, ikikurako abanyaporitike bagomba kuyinjirira".

Yuan Zhiming, umukuru wa National Biosafety Laboratory yo ku kigo ca Wuhan cihweza ibijanye n'imigera, Wuhan Institute of Virology, nawe nyene yari muri ico kiganiro n'abanyamakuru.

Yavuze ko uwu mugera ufise amamuko kama (origines naturelles), anashimangira ko atari umugera wacorotse laboratoire kandi ko ata mukozi wabo yigeze yandura kuva itangura mu 2019.

Abantu barenga imiriyoni zine kw'isi yose baramaze guhitanwa n'iki kiza kuva cadutse, amakungu akaba abandanya asaba OMS gukora ayandi matohoza ku mamuko y'uwu mugera.

Mu ntango z'uno mwaka, Perezida Joe Biden wa Amerika na we nyene yategetse abajejwe igendereza muri ico gihugu "kwongereza" inguvu mu twigoro twabo two gutohoza ibijanye n'iki kiza.