Imvo n'Imvano ku buzima bw'impunzi ziva mu Burundi zo mw'ikambi ya Kakuma muri Kenya

Imvo n'Imvano ku buzima bw'impunzi ziva mu Burundi zo mw'ikambi ya Kakuma muri Kenya

Ndabaramukije mwese muteze amatwi Imvo n'Imvano yo kuri uyu wa gatandatu itariki 31 y'ukwezi kw'indwi mu 2021. Ikiganiro c'Imvo n'Imvano c'uyu musi kidushikana mw'ikambi y'impunzi ya Kakuma, iri mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu ca Kenya.

Aha hatse indaro impunzi zirenga ibihumbi ijana, ziva mu gihugu ca Sudan, ariko hakaba harimwo n'Abarundi n'Abanyarwanda.

Igitigiri kinini c'Abarundi cashitse muri iyo kambi mu 2010 hamwe no mu 2015.

Abo mu 2010, bagizwe ahanini n'abari abayoboke b'umugambwe FNL bataziriwe izina rya 'Safisha', bahunze inyuma y'amatora y'umukuru w'igihugu uwo mugambwe wanse kwemera ivyayavuyemwo.

Abahunze mu 2015 na bo bazwi kw'izina rya 'Manda', bo mu migambwe n'ubwoko bitandukanye bari mu biyamiriza ikiringo bavuga ko ari ica gatatu ca nyakwigendera Prezida Pierre Nkurunziza.

Ahavuye isanamu, Reuters

Abarundi bari mw'ikambi ya Kakuma rero bava mu bwoko bwose buri muri ico gihugu no mu migambwe itandukanye, hakaba harimwo mbere n'abo mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, bagiye bahunga ibintu bitandukanye, mu bihe bitandukanye, ariko bakaba ubu basangiye akaranga ko kwitwa impunzi.

Mbe babayeho gute muri iyo kambi? Babanye gute? Boba bimirije guhunguka? Hoba hari abanyepolitike bababuza gutaha canke barindiriye kuronka akaryo ko kuja kuba i Buraya? Inyishu ni muri iki kiganiro, abatumire bakaba ari Emmanuel, Mireille na Nahimana.

Mugiye kuba hamwe na Cyriaque Muhawenayo.