Afghanistan: Uyu mugore aharanira agateka k'abagore yizeye gukorana n'aba Taliban

Abagore bagendera ku mategeko atabaha agahengwe na gato igihe aba Taliban bari barongoye Afghanistan

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abagore bagendera ku mategeko atabaha agahengwe na gato igihe aba Taliban bari barongoye Afghanistan

Umusi umwe inyuma y'aho aba Taliban bafatiye Kabul umukuru w'igihugu ca Afghanistan nawe agata agahunga, hari akavuyo mu gihe ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu bari mu musunikano barondera ingene bahunga bakava mu gihugu.

Ariko umupfasoni Mahbouba Seraj wewe ntari muri bo.

Uyu mugore amaze igihe kirekire aharanira uburenganzira bw'abagore n'abana arongoye ishirahamwe Afghan Women Skills Development Centre, ishirahamwe rifasha abagore n'abakobwa mu bijanye no kwiga amashure no kubahimiriza ku bijanye n'ihohotorera rikorerwa mu ngo.

Mu ndwi zibiri ziheze, Seraj yari muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ariko akaba yafashe ingingo yo gusubira muri Afghanistan.

Yabwiye BBC ati: "Aba bagore bose, aba bakobwa bose, aba bantu bose njejwe, ntegerezwa kuguma hafi kubwo umutekano wabo...sinshobora kubata, kubasiga bonyene, sinshobora guhunga igihugu".

Ahubwo, arashaka gukorana n'aba Taliban ku bijanye n'ingene bafata abagore.

"Ico nizeye, ni uko n'imiburiburi twogiriranira ibiganiro nabo... iyaba twoshobora kwicarana n'aba bantu tukagiriranira ibiganiro, urazi, bashobora kuba ari incabwenge... bakaba bazi ivyiza bashobora gukura mu bagore ba Afghanistan."

'Indoto zacu zirapfuye'

Igihe aba Taliban baherukira kurongora Afghanistan ni kuva mu 1996 gushika aho bomorewe ku butegetsi n'ingabo mvamakungu zirongowe na Amerika mu 2001.

Muri ico kiringo, abagore n'abakobwa bagendera ku mategeko atabaha agahengwe na gato.

Nta burenganzira bari bafise bwo kwiga amashure no gukora akazi. Nta burenganzira bari bafise bwo kuva muhira badaherekejwe n'igitsinagabo. Kwitwikira mu maso hose ryari itegeko.

Gukubitwa no kunyongwa ishengero rirorera, harimwo no kwicishwa amabuye ku mugore yafashwe asambana, vyakorwa ku mugaragaro mu bibuga.

Birumvikana rero ko abagore bagira ubwoba muri kino gihe.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Ku wa 15 z'uku kw'umunani niho aba Taliban bigarurira umugwa mukuru Kabul

Umushingamateka wa Afghanistan Farzana Kochai avuga ko abanyagihugu i Kabul bafise ubwoba bwo kubona igihugu gisubiye ku butegetsi bw'aba Taliban.

Uyu mupfasoni yabwiye BBC ati: "Si mbona ingene nogereranya ubwoba buri mu mitima yabo, bose bari mu bwoba. Bari mu gihe badashobora gutahura ivyo bariko barabona, bakibaza bati: 'Tuje hehe, dukore iki'?".

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Uwundi mugore asanzwe akora nk'umwanditsi ariko akaba atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, avuga ko ababajwe cane n'igaruka ry'aba Taliban.

"Sinzi nimba nzoshobora kubandanya n'akazi kanje canke ko nzoshobora gukora ico ari co cose nshatse gukora. Hari abagore benshi cane bakiri bato nkanje - ariko indoto zacu zapfuye. Ivyizigiro twari dufise vya kazoza keza biriko birazimangana".

'Ntidutegerezwa gucika ivutu'

Ariko umupfasoni Seraj afise icizere ko bishoboka gukorana n'ubutegetsi buhari kugira ngo abagore n'abakobwa babeho mu buzima bwiza.

"Imbere y'ibi, imbere y'aba Taliban, yaba amakungu canke igihugu cacu, nta n'umwe yari bwabone inguvu z'umukenyezi wa Afghanistan".

Avuga ati: "Ntibigeze bakoresha ubushobozi bwacu nk'uko bategerezwa kubukoresha, ntibigeze badukoresha nk'uko bategerezwa. Rero mfise icizere ko aba bantu bazobishobora".

"Mu gihe bobishobora, aho yoba ari amarame kuri twebwe. Mu gihe batobishobora, igihe cose hazoba hari umutekano, abakobwa banje batekaniwe, bose batekaniwe, aho nanje ndashobora gutekanirwa".

Ahavuye isanamu, Mahbouba Seraj/Twitter

Insiguro y'isanamu,

Seraj amaze igihe kitari gito arwanira uburenganzira bw'abagore n'abakobwa muri Afghanistan

Umupfasoni Seraj avuga ko adatinya aba Taliban kandi ko ubu adashobora kwemera gutwarwa n'ubwoba.

Asigura ati: "Ntidutegerezwa gucika ivutu. Ntidutegerezwa kugira umwikomo. Nta mwanya wo gufyina uhari".

Ariko afitiye ishavu ryinshi Amerika n'incuti zayo za OTAN/NATO ku vyo ariko arabona mu gihe abanya-Afghanistan batawe mu minwe y'aba Taliban.

Ati: "Si mbona ingene novuga ishavu mfise iyo niyumviriye ibi. Simbona ingene nosigura ukuntu mbabajwe n'amakungu n'ukungene adutaye nk'ikirayi gishushe ku munota wa nyuma".

Abajijwe nimba afise ubwoba bwo gutotezwa kubona yarakoranye n'abagiraneza mpuzamakungu akanaserukira abavogereye igihugu mu myaka 20 iheze, yishura ati "si cane".

"Ico nserukira ni Afghanistan nyayo. Nico namye nkora igihe cose, igihe cose. Kandi ndibaza ko bamwe muri bo [aba Taliban], n'imiburiburi, ivyo barabizi".

Bamwe bashobora kubona ivyo yakoze nk'ubutwari budasanzwe. Ariko ntavyemera.

"Ntabwo ndi umumaratiri. Ntabwo ndi umugore w'intwari akomeye cane. Ariko kandi, ndemera ko mfise amabanga njejwe ku bantu banje".

"Ndi umugore w'umunya-Afghanistan - kandi nshaka kuguma mu gihugu canje, nkaguma ngaha iruhande yabo".