Afghanistan: Abategetsi bemeza ko abantu batari bake baguye mu bitero vya bombe ku kibuga c'indege i Kabul

Injured outside Kabul airport

Ahavuye isanamu, Reuters

Abategetsi b'aba Taliban bamenyesha ko nibura abantu cumi na batatu baguye mu bitero vya bombe ku kibuga c'indege i Kabul abandi benshi barakomereka.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Turkia avuga ko ibisasu bibiri vyaturikiye hanze y'ikibuga c'indege ca Kabul.

Abategetsi bavuga ko abapfuye harimwo abapfasoni n'abana kandi ko n'igitigiri kitari gito c'aba Taliban bajejwe umutekano kiri mu bakomeretse.

Itororokanirizo ry'amakuru rya Afghanistan, Toro News ryamenyesheje ko abantu bakomerekeye ku muryango umwe winjira ku kibuga c'indege i Kabul bajanywe kuvurirwa mu bitaro bihegereye.

Prezida wa Amerika Joe Biden yamenyeshejwe ivyerekeye ivyo bitero mu nama y'abajejwe umutekano kuri Afghanistan.

Umunyamakuru wa BBC Jonathan Beale avuga ko igitero catanguye ku kibuga c'indege i Kabul cakurikiwe n'ikindi kibombe caturitse hamwe n'urwamo rw'amasase.

Prezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yavuze ko ibintu "bishobora kumera nabi cane" muri Afghanistan.

Yasavye ko hoba ukwiyubara imbere y'uko "amazi arenga inkombe" , yongerako ko ibintu bicifashe nabi mu micungararo y'ikibuga c'indege.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika buvuga ko ico gitero c'i Kabul cahitanye abanya-Amerika n'abanyagihugu basanzwe kandi ko "cari gihanitse".

Amasanamu yafashwe inyuma y'ivyo bitero vyo ku kibuga c'indege i Kabul, yerekana abantu bakomeretse bambaye impuzu zuzuyeko amaraso bariko barabatwara mu dukinga tw'abagendana ubumuga.

Amwe mu mafoto yashizwe ku rubuga rwa Twitter n'itororokanirizo ry'amakuru Tolo News, yerekana abagabo, abapfasoni n'abana - bipfutse ibitambara ku mitwe bariko bariruka.

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga

Umunyamakuru wa BBC ari i Kabul, Secunder Kermani yagize ati: "Ama video yakwiragijwe ku mbuga hwaniro arerekana ibirundo n'ibirundo vy'abantu bapfuye, rero ko hokwitegwa ko igitigiri c'abapfuye kiza kwongerekana."

Ivyo bitero vyabaye inyuma y'amasaha make abategetsi ba Amerika n'Ubwongereza baburiye abanyagihugu kwirinda kuja ku kibuga c'indege, bagabisha ko hashobora kuba igitero.