Afghanistan: Abashika 90 nibo baraye baguye mu gitero i Kabul, US yameze magabo

Igitero i Kabul

Ahavuye isanamu, Getty Images

Intwazangabo za Amerika zameze magabo aho ziteze ibindi bitero bikorwa n'umuhari wiyita Etat Islamique/ Islamic State, bishobora kubamwo n'amaroketi canke ibibombe bitezwe mu mamodoka ku kibuga c'indege i Kabul, nk'uko Jeneral Frank McKenzie arongoye ingabo mu karere abivuga.

Avuga ati "Turiko turakora ibishoboka vyose kugira ntiduterwe tutiteguye", ni mu gihe ingabo za Amerika ziriko zirita ku rutare kugira ngo zive muri Afghanistan zibandanya zihungisha abantu.

Igitigiri c'abaguye mu gitero ca nijoro ku wa kane ciyongereye, ubu kikaba kigeze ku bantu 90, nk'uko bitangazwa n'umushikiranganji w'amagara y'abantu.

Inyuma y'iki gitero ejo ku wa kane, Jeneral McKenzie yatangaje ko ibikorwa vyo guhungisha abantu bitegerezwa kubandanya n'aho habaye ibi bitero.

Avuga kandi ko bategerezwa kwihora abakoze iki gitero ca nijoro, aho yongerako y'uko yategetse igisata kijejwe kwivuna abansi (Pentagon) gutegura igitero ku barwanyi ba ISIS-K (Etat Islamique-Khorasan Province), ishami ry'uwu muhari mu karere ryiyitiriye ibi bitero vya bombe vya nijoro.

Etat Islamique itangaza ko umwe mu biyahuzi bayo yateye "abakarimani n'abakorana n'igisirikare ca Amerika", nk'uko Reuters ivyandika.

Aba Taliban bavuga ko batakaje benshi gusumba Amerika

N'imiburiburi aba Taliban 28 nibo baraye baguye muri ico gitero ca bombe i Kabul, nk'uko umutegetsi w'umu Taliban yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Uyo mutegetsi w'aba Taliban atashatse ko izina ryiwe rimenyekana avuga ati: "Twatakaje abantu benshi gusumba Abanyamerika".

Hagati aho, avuga ko bidakenewe ko Amerika irenga kw'itariki ntarengwa yo ku wa 31 z'uku kwa munani yo guhungisha abantu no kuva mu gihugu.

Abasirikare ba Amerika n'imiburiburi 13 hamwe n'abandi 90 barishwe muri ibi bitero bibiri vy'amabombe ku nkengera z'ikibuga c'indege ca Kabul mw'ijoro ry'ejo ku wa kane.

Amakuru ya nyuma yerekeye igitero ca nijoro i Kabul

N'imiburiburi abantu 90 nibo bazwi ko baraye baguye mu gitero ca nijoro, abarenga 150 nabo barakomereka.

  • Umutegetsi w'umu Taliban avuga ko abanya Afghanistan 28 bapfiriye muri iki gitero bari aba Taliban.
  • Bakajije umurindi mu guhungisha abasivire inyuma y'ibi bitero, nk'uko umutegetsi mu vyo umutekano ava mu bihugu vyo mu burengero yabibwiye Reuters, akongerako y'uko ingendo z'indege zibandanya nk'uko zamye.
  • Perezida Joe Biden wa Amerika ararahira akarengwa ko ategerezwa kwihora ku bakoze iki gitero, akavuga ko "ategerezwa kubahiga buhongo".
  • Ibi biri uku mu gihe Amerika igabisha ko hashobora kuba ibindi bitero, aho intwazangabo za Amerika zivuga ko zameze magabo kuri ivyo bitero bishobora kubamwo n'amaroketi canke ibibombe bitezwe mu mamodoka ku kibuga c'indege i Kabul.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Mw'ijambo yashikirije igihugu inyuma y'igitero ku kibuga c'indege ca Kabul, Perezida Joe Biden yaraboneka ko yari ababaye cane

Umushingamateka wo mu mugambwe w'aba Democrates akaba mu murwi ujejwe imigenderanire mu nama nshingamateka, Susan Wild, yabwiye BBC ko ubutegetsi bwa Perezida Biden butegerezwa kwishura ibibazo bikomeye ku bijanye n'ingene bariko barafata ibintu muri Afghanistan.

Amerika iranegurwa ku kwizera aba Taliban mu gucungera ikibuga c'indege

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Amerika iranegurwa ku ngingo yayo yo kwizera aba Taliban mu gucungera umutekano w'ikibuga c'indege ca Kabul.

Ejo ku wa kane, Perezida Biden yabwiye abanyamakuru ati: ""Ntabwo ari ikibazo co kwizerana, ni ikibazo c'inyungu ku mpande zompi... ariko gushika ubu nta kimenyetso ndahabwa n'intwazangabo ziri ku rubuga, ko hoba harabaye umwumvikano hagati y'aba Taliban na ISIS mu gutegura iki gitero".

Umunyamabanga ajejwe imigenderanire Anthony Blinken yabajijwe igituma Amerika yitayeho ivyo aba Taliban bashaka mu gihe ata reta izwi n'amategeko irashingwa.

Yishuye ati: "Aba Taliban, tuvyanka tuvyemera, nibo bafise ibintu mu minwe - nibo bagenzura igice kinini c'igihugu, kandi nibo bagenzura igisagara ca Kabul. Rero ni ngombwa ko dukorana nabo kugira ngo borohereze abo bose bashaka kuva mu gihugu".

Blinken avuga ko Amerika ibandanya iganira n'aba Taliban ku kungene ibintu bizobandanya mu gihe ingabo za Amerika zose zizoba zavuye mu gihugu.