Africa mu mafoto muri iyi ndwi: 20-26 Ukwezi kw'umunani 2021
Amwe amwe mu mafoto meza cane muri Afrika n'ahandi.

Ahavuye isanamu, AFP
Ku wa gatantatu Umuganwa Tsola Emiko yimitswe (yambitswe urugori) nk'umwami mushasha , canke olu, wa Warri muri Nigeria.
Ahavuye isanamu, EPA
Muri LIberia, abantu bari hanze guhimbaza umunsi wahariwe ibendera ry'igihugu ku wa kabiri mu kwibuka intahe yo kwikukira kuri Amerika.
Ahavuye isanamu, AFP
Muri Libya ho, abandi bakoraniye i Tripoli ku wa gatanu bibuka imyaka 10 iheze ico gisagara kivanywe mu minwe y'uwahora atwara ico gihugu Muammar Gaddafi.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abakristu b'aba Orthodoxe bo muri Ethiopia nabo barahimbaza ku wa mungu umunsi mukuru wa Filseta , inyuma y'iminsi 15 yo kwisonzesha.
Ahavuye isanamu, AFP
Umugore ariko arasoroma icayi muri Kenya - igihugu kiza ubugira gatatu kw'isi mu gushora icayi cinshi , inyuma y'Ubushinwa n'Ubuhindi.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Imvura yateye imyuzure myinshi muri Senegal, ituma abantu benshi bahunga ingo zabo ku mugwa mukuru, Dakar.
Ahavuye isanamu, EPA
Ibihumbi n'ibihumbi vy'inkoko vyishwe muri Côte d'Ivoire, igihugu cugarijwe n'akamangu canke ibicurane vy'inkoko (grippe aviaire/avian flu).
Ahavuye isanamu, AFP
Hagati aho muri Afrika y'Epfo, ivuriro rikorera mu nzira z'amagariyamoshi (itereni) rirakoreshwa kugira rishikane incanco za Covid mu bice birangwamwo abakozi bo kwa muganga bake no gushikira ubuvuzi bigoranye.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwushigikiye uwuherutse gutorwa ngo abe umukuru mushasha w'igihugu ca Zambia Hakainde Hichilema , azwi nka Bally canke data, ariko araraba ibirori vyo kurahira i Lusaka ku wa kabiri.
Ahavuye isanamu, AFP
Abakinyi ba Angola bararindiriye bicaye inyuma ko hatangura ibirori vyo gutaguza inkino za Olympic z'abagendana ubumuga ku wa kabiri.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu bahiganwa mu nkino za Paralympic harimwo Ibrahim Elhusseiny, umunya-Misiri yaciye umuhigo muri tennis .
Amafoto yose afitiwe uruhusha rwo kuyakoresha.