Burundi-Ubucamanza: 'Ibibazo bizogumaho kuko butigenga' - Kabera yahoze arongoye SYMABU

Burundi-Ubucamanza: 'Ibibazo bizogumaho kuko butigenga' - Kabera yahoze arongoye SYMABU

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye agiheza kwagiriza ubucamanza gukora nabi kubera bwiziziwe n’ibiturire, hari umwe mu bacamanza yaciye amwishura ko ivyo bitumwa n’uko hari ‘’ukuboko kunyegeje” mu gubukoresha nabi.

‘’Uko kuboko kuriho gushobora gutuma umucamanza atidegemvya mu gufata ingingo ibereye yisunze amategeko”.

Yabwiye umukuru w’igihugu ko hari uwubona ko ‘’urubanza rwiwe rudashoboka canke adafise ukuri” agaca yifatisha ‘’umukuru w’umugambwe mu ntara, akishimikiza umu jenerari kanaka wo mu gisirikare canke mu giporisi”.

Ivyo biremezwa kandi n’umushingwamanza Jean Claude Kabera yigeze gutwara ishirahamwe ry’akazi (sendika) ry’abacamanza mu Burundi mu 2011. Avuga ko ibibazo bizogumaho kuko ubucamanza butigenga.

Yavuganye na mugenzi wacu Jacques Niyitegeka.

Fyonda aho hejuru wumvirize.