Ethiopia: Igisirikare kivuga ko cisha ibihumbi vy'inyeshamba za TPLF muri Tigray

Inyuma y'aho abarwanyi ba TPLF bigaruriye Tigray, barashoboye gushika no mu ntara za Amhara na Afar zihana imbibe na yo

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Inyuma y'aho abarwanyi ba TPLF bigaruriye Tigray, barashoboye gushika no mu ntara za Amhara na Afar zihana imbibe na yo

Igisirikare ca Ethiopia kivuga ko cishe inyeshamba zirenga 5600 zirwanira mu ntara ya Tigray mu buraruko bw'igihugu.

Kuva mu kwa cumi na rimwe umwaka uheze, intambara zirabica bigacika, ariko itangazo ry'intwazangabo yo ku rwego rwo hejuru Jenerali Bacha Debele ntiyerekana igihe izo nyeshamba zishwe. Abanyamakuru bavuga ko zishobora kuba ari izaguye mu ntambara ziheruka.

Uyu mu jenerali avuga ko izindi nyeshamba 2300 zakomeretse, izindi 2000 nazo zirafatwa.

Abasivire baharurwa mu mamiriyoni bahanganye na kigoyi giturutse kuri iyo ntambara, nk'uko ishirahamwe ONU ribivuga.

Liyetena Jenerali (Lt Gen) Debele yagiriza umugambwe Tigray People's Liberation Front (TPLF) kugerageza gusambura Ethiopia, inyuma y'aho inyeshamba zawo zinjiriye mu ntara za Amhara na Afar zihana imbibe na Tigray.

Avuga ko umurwi umwe w'abarwanyi ba TPLF wagerageje kwigarurira akarere ka Humera kari ku rubibe rugabura Tigray na Amhara, ariko ko "bakubiswe bikomeye".

TPLF ntaco iravuga kuri ibibivugwa n'iyi ntwazangabo.

Iyi ntambara yatanguye mu mwaka uheze inyuma y'icuka kibi cari kimaze amezi atari make hagati ya reta y'umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed n'abategetsi ba TPLF, umugambwe mukuru mu ntara ya Tigray.

Umushikiranganji wa mbere yahavuye arungika ingabo muri Tigray kugira ngo zirukane reta y'iyo ntara, inyuma y'uko TPLF yagirijwe ibitero bitari bike ku makambi y'igisirikare c'igihugu.

Iyi ntambara ivugwa ko imaze guhitana ibihumbi vy'abanyagihugu, mu gihe abaharurwa mu mamiriyoni nabo bateshejwe izabo, bamwe muri bo bakaba bahungiye muri Sudani.

Impande zompi ziragirizwa amabi, harimwo ugufata abagore ku nguvu n'ubwicanyi bw'abasivire mu kivunga.

Inkurikizi mbi

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Na Kalkidan Yibeltal, umunyamakuru wa BBC muri Ethiopia

Ibi biharuro bitangwa n'igisirikare ni binini cane kandi ntivyoroshe kubihinyuza.

Ariko ikizwi ni kimwe. Iyi ntambara imaze amezi cumi iracatikiza inganda kandi ikanagira inkurikizi mbi.

Muri iri jambo yashikirije ejo ku wa gatandatu, Lt Gen Bacha, avuga ko habaye intambara zikomeye cane akavuga ko hifashishijwe ibitero vy'indege, ariko ntavuge igihe zabereye.

Inyuma y'aho abarwanyi ba TPLF bigaruriye Tigray giturumbuka mu kwa gatandatu, barashoboye gushika no mu ntara za Amhara na Afar zihana imbibe na yo, ivyerekana ko intambara yatera ikwira mu gihugu.

Mu ndwi zibiri ziheze, igisirikare n'imirwi igishigikiye basa b'abahagaritse ingabo za Tigray mbere bazisubiza inyuma, banigarurira uturere tumwe tumwe dukomeye.

Ariko, uturere dukomeye two mu ntara za Afar na Amhara, harimwo igisagara ca Lalibela kirimwo amasengero yo muri kahise ari mu murage wa Unesco, turacari mu minwe ya TPLF.

Ku wa gatanu, ONU yaragirije reta kuzibira imfashanyo zategerezwa kuja muri Tigray, inagabisha ko ibi bibangamiye ubuzima bw'amamiriyoni y'abantu.

ONU yibaza ko abantu bangana n'imiriyoni 5.2 bakeneye imfashanyo yihuta, atari ivyo naho bahure na "kigoyi ca mbere gikomeye kw'isi inyuma y'imyaka mirongo".

Ariko ejo ku wa gatandatu, reta ya Ethiopia yavuze ko amakamyo 500 yuzuye imfashanyo aherutse kwinjira muri iyo ntara, harimwo 152 mu misi ibiri iheze. Ivuga kandi ko n'igitigiri c'amabariyeri caragabanutse.

Aya makuru ntarashobora guhinyuzwa n'abigenga.

Ishirahamwe ONU ryari rimaze igihe ryidoga ko kuva ku wa 22 ata kamyo n'imwe yari bwigere ishika muri Tigray, mu gihe hari hakenewe 100 buri musi.

Map