Theodore McCarrick yahoze ari kardinali muri US arahakana ivyo gufata ku nguvu yagirizwa

Theodore McCarrick

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Igihe arenguka imbere ya sentare Theodore McCarrick yarahakanye ivyo yagirizwa vyo gufata ku nguvu

Uwahoze ari kardinali wa Ekleziya Katorika muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika arahakana ivyaha yagirizwa vyo gufata ku nguvu umwana w'umuhungu w'imyaka 16 mu myaka ya 1970.

Theodore McCarrick, 91, yarengutse imbere ya sentare i Massachusetts kugira yisigure ku vyaha vyo gufata ku nguvu no gukubagura (coups et blessures) yagirizwa ko yakoze mu 1974.

Uyu mu kardinali yahoze ari musenyeri mukuru wa Washington DC azwi ko ari we mutegetsi wo ku rwego rwo hejuru wa Ekleziya Katorika muri Amerika yagirijwe ivyaha vy'ihohotera rishingiye ku gitsina.

Imbere y'aho yahora avuga ko atibuka ko hoba hari ivyo guhohotera yoba yarakoze.

Mu rubanza rwashinzwe mu kw'indwi, McCarrick yaragirijwe ivyo gukwegakwegera uyo mwana w'umuhungu - ariko atavuzwe izina - mu buhumbu, mu kiringo c'imyaka itari mike.

Uyu mugabo avuga ko yakorewe aya mabi yavuze ko igihe kimwe vyabaye mu gihe yari mu bugeni bwa mwenewabo kuri kaminuza ya Wellesley muri Massachusetts mu 1974.

Nyene gukorerwa aya mabi avuga ko McCarrick yamukwegeye mu cumba kimwe co muri iyo kaminuza aca atangura kumukuyakuya. Inyuma yaho, uyo mupatiri avugwa ko yaciye abwira uyu mugabo kuvuga ibisabisho kugira ngo akire "ibicumuro".

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Muri sentare ku wa gatanu, McCarrick yategetswe kutavugana n'uyu nyene guhohoterwa canke n'umwana n'umwe. Yasabwe gutanga ingwati y'ibihumbi 5000 vy'amadorari y'abanyamerika, mu gihe bitegekanijwe ko asubira kwumvirizwa ku wa 28 z'ukw'icumi.

Buri caha gishobora guhanishwa umunyororo wo gushika ku myaka itanu, kandi agategerezwa kwandikwa ku nguvu nk'umusambanyi (délinquant sexuel/sex offender)

McCarrick ni umwe mu bategetsi ba Ekleziya Katorika bagirizwa gushurashuza abana mu kiringo c'imyaka mirongo.

Mu 2019, yarakuwe mu mabanga inyuma y'amatohoza yakozwe na Vaticano ku vyaha yagirizwa vyo gufata ku nguvu mu myaka itari mike.

Yaragirijwe kandi ko yafashe ku nguvu umuyabaga i New York hagati mu myaka ya 1970, yongera ahatira abagabo kuryamana nawe mu rugo i New Jersey mu gihe bariko bigira ubupatiri.

Icegeranyo c'impapuro 450 ca Vaticano casanze Papa Yohani Paulo wa kabiri yarabwiwe ivyerekeye ibi vyagirizwa McCarrick, ariko agahitamwo kwizera abepiskopi ba Amerika bamukingiye ikibaba.

Casanze kandi Papa Benoit/Benedict XVI - yatanze imihoho mu 2013 - ashobora kuba yaranse iciyumviro co gukora amatohoza kubera ata "vyemezo vyari bihari" ku vyo yagirizwa.