Abagabo muri Kenya binjiye mu rugamba rwo kurwanya ikebwa ry'abakobwa

  • Na Esther Ogola
  • Umunyamakuru ku bijanye n'abagore, BBC News, Nairobi
'Why female circumcision?' poster

Ahavuye isanamu, Getty Images

Kugabisha: Hari bamwe bashobora gusanga bimwe mu vyanditswe muri ino nkuru biteye ubwoba

John nyashobora kwibuka neza igihe na kimwe yoba yaranguye imibonano mpuzabitsina n'umugore wiwe ntaheze umugore atari mu marira.

Yarababara cane kubera yari yarakebwe (mutilation genitale feminine/female genital mutilation), ibizwi nka FGM mu mpfunyapfunyo y'icongereza.

Uyu mugabo w'imyaka 40 agira ati: "Igihe cose ngize ngo ndegera Martha, aca yigira inyuma, akituna nk'umwana. Ararira, akansaba ko nomureka. Ntagishaka gukora imibonano mpuzabitsina".

John na Martha bompi ni abo mu muryango w'aba Marakwet mu burengero bwa Kenya.

N'aho imigirwa ya FGM itemewe n'amategeko muri Kenya, abakobwa muri uwo muryango barayikorerwa bageze mu myaka hagati ya 12 na 17, nk'umugirwa wo kwitegurira kurongorwa.

Martha yakebwe igihe yari afise imyaka 15.

Imibonano mpuzabitsina ni amahano

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Martha ati: "Ndababara cane iyo nkoze imibonano mpuzabitsina. Ndipfuza ko iyi migirwa ituzwa burundu". Avuga ko no kuvyara vyamugoye.

Bavuga ku vyo bibuka igihe bakora imibonano mpuzabitsina ubwa mbere, bavuga ko ryari ihahamuka.

Martha avuga ko yumvise ububabare butagira izina kandi ko atari azi ko imibonano mpuzabitsina yababaza ukuraho. Vyabaye ngombwa ko asaba umugabo wiwe guhagarika.

John abwira BBC ati: "Si namenye ko igitsina ciwe cakebwe, bagasigaza agatoboro gatoya gusa".

"Ndumvira impuhwe nyinshi cane umugore wanje. Si nshaka ko yiyumva nk'uko umengo nta cubahiro ndamuha, gusa turi umugabo n'umugore".

Babayeho mu maganya ata n'icizere bafise ko ibintu bishobora kuzohinduka - atari kuri bo gusa, ariko bafitiye ubwoba umwana wabo w'umukobwa akiri muto.

Babandanije biyumvira gutyo gushika aho John yumvitiye ko hari isekeza ryo kurwanya ikebwa ry'abana b'abakobwa mu kigwati cabo, ahanini ryarondera abagabo.

Ahavuye isanamu, Men End FGM

Insiguro y'isanamu,

Mu nyigisho zo kurwanya FGM , abagabo bigishwa inkurikizi mbi ku mubiri w'uwabikorewe

Avuga ko ryamwuguruye amaso akabona akaga uwo mugirwa utera abagore. Ryamutumye agira iyindi mbono maze arabona ko nk'umugabo ashobora gufasha kuwuhagarika.

"Uko vyogenda kwose, abagabo ni bo bafise ijambo rya nyuma ku bana kandi mvuze ko umwana wanje adashobora gukebwa, ntashobora gukebwa".

Ni impinduka Moses n'umugore wiwe Josephine, na bo nyene bo muri uwo muryango, bakirije yompi.

Inyuma y'imyaka hafi 25 bamaze bubakanye, nabo nyene imibonano mpuzabitsina yabo yabaye amagorwa kubera umugore yakebwe.

Josephine yakebwe akiri muto cane kandi na we nyene avuga ko imibonano mpuzabitsina yabo ari amagorwa.

"Igihe cose ndababara cane ariko nahavuye niga kwihangana".

Josephine yibaza ko boba ari bo bonyene bari muri uwu mubabaro gushika bagiye hamwe n'abandu bubakanye nabo bavuga ko ari yo magorwa babayemwo.

'Iceyi mu muryango'

Kuvuga ibijanye n'igitsina n'ibicerekeye, nk'akarorero ivyo gukebwa, muri Kenya biracari umuziro mu miryango itari mike yo muri ico gihugu, cane cane ku bagabo.

Yitwengera igihe bari bamubwiye ko ivyerekeye igitsina vyovugwa amenya mu muryango wiwe, John avuga ati: "Nta muntu n'umwe yigeze ambwira ivy'imibonano mpuzabitsina, cane cane n'umugore yakebwe. N'ubu kiracari ibanga".

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Uyu mugore w'i Mombasa muri Kenya yerekana urwembe yama akoresha mu gukeba abakobwa

Vyongeye, abagabo barwanya ikebwa ry'abakobwa bashobora gufatwa nk'abahemu bariko barondera kurwanya umuco kama.

Mu 2014, vyavugwa ko imiriyoni zine z'abagore bo muri Kenya, hafi ica gatanu c'abagore bose mu gihugu, bakorewe FGM mu buryo kanaka.

Mu miryango imwe imwe gukebwa biracafatwa nka ngombwa imbere yo kurongorwa.

Josephine ati: "Mu myaka ya kahise, iyo umukobwa yanse gukebwa, yarashobora kubura umugabo, kandi bishite akarongorwa bagasanga ntiyakebwe ntiyashobora kwemerwa muri urwo rugo rushasha. Yarashobora gusubizwa iwabo, ibi navyo bikaba biteye isoni n'iceyi ku bantu bo muri uwo muryango".

Dr Tamarry Esho akora amatohoza kuri FGM akanayirwanya, avuga ko mu miryango 42 izwi muri Kenya, ine yonyene niyo izwi ko itigeze ikora uwu mugirwa muri kahise kayo.

Kandi hari imwe ikiwukora.

Dr Esho ati: "Uwu ni umuco washinze imizi cane. Abantu batari bake baracawumva nk'uburenganzira bwabo".

'Abagabo nibo bafise ijambo rya nyuma'

Ariko imiryango itari mike iramaze guhindura ivyiyumviro kandi Kenya iri mu bihugu biboneka ko biriko birahinduka cane muri Afrika ku bijanye n'iki kibazo. Ubu, igice kimwe kw'icumi c'inkumi ziri hagati y'imyaka 15 na 19 nibo bazwi ko bakebwe, mu gihe mu 1974 bagera ku bice hafi 50%.

Tony Mwebia yatanguje ishirahamwe Men End FGM ryigisha abantu kurwanya FGM, avuga ko abagabo bashobora gutuma ibintu bihinduka.

Avuga ati: "Mu miryango igikora uwu mugirwa wa FGM muri Kenya, mu gihe abagore ari bo bakeba bagenzi babo b'abakobwa, abagabo nibo bafise ijambo rya nyuma. Gusa, ikibazo ni uko batazi ico ari co ikebwa ry'abakobwa, batazi ingene bikorwa canke inkurikizi mbi cane rifise ku bagore.

"Mu gihe abagabo botahura ubu butumwa, yoba ari amahirwe. Bafise aho bavugira, bafise ababumva, kandi bafise n'ikibanza kinini".

Inyuma yo kwitaba inama ijanye no kwigisha ivyo kurwanya ikebwa ku bapfasoni, John yaciye afata ingingo ko umukobwa wiwe adashobora gukebwa.

Yashoboye kandi no kuvuga ikintu yemeza ko abagabo benshi badashaka kwemera.

"Ikebwa rirafise ingaruka no ku bagabo. Benshi baratuntuye ariko bahitamwo kwihangana. Imico imwe ivuga ko rituma abagore bataja mu busambanyi. FGM nta kindi kintu na kimwe imaze atari uguhungabanya urukundo hagati y'umugabo n'umugore".

Ku bagore nka Josephine, kugira abagabo bumva umugambi ni ikintu gishobora guhindura ibintu, cane cane mu gihugu aho umugabo ari we mwene urugo.

"Hari igihe twumva twacitse intege, ubu siko bimeze. Nk'umwe mu babikorewe, numvise umugabo wanje avuze ko adakeneye ko umukobwa wacu akebwa, numva mpimbawe. Eka n'ababanyi bacu baradukurikiye. Bavuga ko abakobwa babo badashobora gukebwa".

*Amazina y'abubakanyebavuganye na BBC muri ino nkuru yarahinduwe mu ntumbero yo kubakingira kugira ntibamenyekane.

Hari ubwoko bune bwo gukeba abakobwa

Uburyo bwa 1: bita Clitoridectomy. Ni uguca akabezi (clitoris) kose n'agashato kari kuri ko.

Uburyo bwa 2: bita Excision. Gukeba akabezi bakagakurako rwose canke bagasigaza agace gato, hanyuma bagakata iminwa y'imbere ikikuje imishino (petites lèvres mu gifaransa) ikikuje igitsinagore .

Uburyo bwa 3: Infibulation. Aha ni ugukata iminwa y'imbere n'iy'inyuma yo ku rwinjiriro rw'igitsinagore (petites lèvres et grandes lèvres ) bakayitera ahandi. Hano hajamwo n'ivyo gushona bagasigaza agatoboro gato.

Uretse ko bibabaza ku buryo burenze urugero, ibi bishobora gutera ingwara , canke kwugara igitsina bagasigaza agatoboro gato gacamwo umukoyo n'amaraso igihe umukobwa ari mu butinyanka. bituma agira ibibazo mu gihe c' imibonano mpuzabitsina canke kuvyara, bikaba ngobwa kwongera kwagura iyo ntoboro, ibijana n'izindi ngaruka.

Uburyo bwa 4: Ubu buryo burimwo ubundi bwose bubabaza cane bakora ku kabezi canke ibindi bihimba vy'igitsina, harimwo gutobora, gukata, kuringaniza, bagacishako n'imbugita ishushe.