Hariyamirizwa igishobora kuba ari itembagazwa ry'ubutegetsi muri Guinée Conakry

Alpha Condé

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Alpha Condé ku wa Mungu

Amaherezo y'umukuru w'igihugu wa Guinée Alpha Condé ntatomoye inyuma y'aho hari video itarahinyuzwa yasohotse imwerekana ari mu maboko y'abasirikare bavuga ko batembagaje ubutegetsi.

Babonetse ku mboneshakure y'igihugu bavuga ko basheshe reta.

Ivyo vyabaye haheze umwanya munini humvikana amasasu menshi cane hafi y'ikirimba c'umukuru w'igihugu ku murwa mukuru , Conakry.

Ariko, umushikiranganji wo kwivuna abansi yavuze ko iri tembagazwa ry'ubutegetsi ryaburijwemwo.

Umunyamabanga mukuru wa ONU n'uw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Africa, UA, biyamirije igishobora kuba ari itemmbagazwa ry'ubutegetsi baca basaba irekurwa buno nyene rya prezida Alpfa Condé.

Umukuru w'ishirahamwe rya Africa, Union Africaine, Félix Tshisekedi, n'uwurongoye urwego rutwara iryo shirahamwe, Moussa Faki Mahamat, bariyamiriza ifatwa ry'ubutegetsi ku nguvu bagasaba irekurwa buno nyene rya prezida Alpfa Condé nk'uko biri mw'itangazo basohoye.

Basaba kandi urwego rw'ishirahamwo rujejwe amahoro n'umutekano muri iryo shirahamwe gukorana vyihuta "kugira rwihweze ingene ibintu vyifashe" muri Guinée hanyuma "rufate ingingo zibereye".

Ahavuye isanamu, Guinea TV

Insiguro y'isanamu,

Abasirikare bavuze ko ivyo bakoze babitumwe n'uko igiturire n'ubukene vyananiranye muri gihugu

N'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'uburengero, CEDEAO na ryo ririyamiriza ibiriko biraba muri Guinée.

'Uwusiba inama azoba ari umugarariji'

Reta Zunze Ubunwe za Amerika na zo zasohoye itangazo ziyamiriza igishobora kuba ari ugutembagaza ubutegetsi muri Guinée.

Zisaba ababifisemwo uruhara guhagarika intureka no kugendera ku mategeko.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Amerika buvuga ko "intureka n'ingingo zose ziciye kubiri n'ibwirizwa shingiro ataco bizofasha atari ukwunyura amahirwe ya Guinée y'amahoro, amaragamo hamwe no kubaho neza."

Bushimika ko hakwiye ibiganirio mu gihugu vyo gutunganya mu buryo burama kandi ku mugaragaro ibibazo bihanze ico gihugu.

Igihugu ca Guinée co mu burengero bwa Afrika kirangwa n'ubutunzi bw'inshi bw'ubutare ariko imyaka myinshi y'uruhagarara n'ugutwarwa nabi bituma kiza mu bihugu vya mbere bikenye kw'isi.

Abo basirikare bategetse abagize reta n'abandi bategetsi ku rwego rw'igihugu kwitaba inama kuri uyu wa mbere.

Ingabo zidasanzwe zagabishije ko umuntu wese aja gusiba muri iyo nama aca afatwa nk'uko ari umugarariji.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Hashinzwe umukwabu utagira igihe mu gihugu cose

Mw'ijambo ku mboneshakure, bavuze ko abakuru b'intara basubirijwe n'aba komanda b'abasirikare, ko na we prezida yatembagajwe ku butegetsi, Alpha Condé, ari umu mutekano ariko apfunzwe.

Hashizweho umukwabu mu gihugu cose.

Prezida ata birato yambaye mu ntebe

Muri iryo jambo bavugiye ku mboneshakuru hagaragayemwo abasirikare icenda, benshi bifutse ibendera ry'igihugu, bavuga ko bafashe ubutegetsi kubera ibitutire vyabaye umurengera, ugutunganya nabi ivy'igihugu hamwe n'ubukene.

Biyita inama y'igihugu yo gusubiza hamwe n'iterambere, bavuze ko ibwirizwa shingiro risheshwe hanyuma hazobe ibiganiro vyo gushiraho irindi rihuriramwo bose gusumba.

Amakuru atandukanye yavuze iryo tembagazwa ryarongowe n'uwahoze mu ngabo zirungikwa mu bikorwa vyo hanze z'Ubufaransa (legionnaire), Lt Col Mamady Doumbouya.

Muri video imwe BBC itashoboye guhinyuza, abasirikare babaza prezida Condé, w'imyaka 83, kwemeza ko ataco yabaye ariko we akinumira.

Yicaye mu ntebe ata birato yambaye mw' ipantaro y'ikoboyi (jeans) n'ishati y'amabara, nta hagaragara aho yoba yakomeretse. Aho ari gushika ubu ntihazwi.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Humvikanye amasasu menshi mu micungararo y'ikirimba c'umukuru w'igihugu ku wa Mungu

Abo basirikare batangaza ko imbibe zose zaba izo ku butaka no mu kirere, zugaye kandi ko reta yatembagajwe.

Amakuru ava mu gisirikare yashikiriye itororokanirizo ry'amakuru Reuters avuga ko ikiraro conyene gihuza Guinée yo ku butaka (mainland) n'ikigwa ca Kaloum, gisanzwe kirimwo ibiro vy'ubushikiranganji hafi bwose n'ikirimba c'umukuru w'igihugu kirazibiye, mu gihe abasirikare benshi, bamwe muri bo bafise ibirwanisho bikomakomeye, bashizwe mu micungararo y'ikirimba.

Hari amakuru ataremezwa neza avuga ko abasirikare batatu boba bishwe.

Perezida Condé yatsindiye ikiringo kigira gatatu cateye impari mu matora yabaye mu mwaka uheze mu gihe igihugu carangwamwo imyiyerekano.

Ahavuye isanamu, EPA

Col Mahamady Doumbouya ni nde?

  • Hazwi bike cane ku buzima bw'imbere bwa Col Doumbouya, uretse ko ari umu-Malinke nka prezida Conde n'uko aturuka mu ntara ya Kankan yo mu buseruko
  • Yakorera muri Forecariah, muri Guinee y'uburengero, aho yokora mu biro vyo kugenzura igihugu n'igendereza
  • Col Doumbouya bivugwa ko yize ishure ry'intambara ry'i Paris, mu Bufaransa
  • Afise uburambe bw'imyaka 15 mu gisirikare harimwo ubutumwa bwo kugwana muri Afghanistan, Cote d'Ivoire, Djibouti, Centrafrika,hamwe no gucungera abategetsi muri Israel, Chypre, Ubwongereza na Guinee
  • Uwo mu-colonel bivugwa ko "yarangije n'amanota meza cane" ivyigwa ku mashure atandukanye muri Israel, Senegal, Gabon, na Paris.
  • Yarakoze nk'umu legionnaire (abasirikare barungikwa mu butumwa bwo hanze) mu ngabo z'Ubufaransa gushika mu 2018 aho prezida Conde yaca amuhamagara ngo aze gutwara ingabo zidasanzwe, GFS, zari zishizweho uwo mwaka nyene.