Kagame: Mu barwanyi ba Islam bo muri Mozambique harimwo n’abanyarwanda

Perezida Paul Kagame avuga ko u Rwanda rwarungitse ingabo zarwo muri Mozambique rubisabwe na reta y'iki gihugu

Ahavuye isanamu, RBA

Insiguro y'isanamu,

Perezida Paul Kagame avuga ko u Rwanda rwarungitse ingabo zarwo muri Mozambique rubisabwe na reta y'iki gihugu

Umukuru w'igihugu c'u Rwanda avuga ko mu barwanyi bagendera ku vyiyumviro bitirira idini rya Islam muri Mozambike basanze harimwo n'abanyarwanda be no mu bindi bihugu vy'akarere.

Mu kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru hamwe n'abanyagihugu, Perezida Paul Kagame yishuye ku bibazo bitandukanye biraba igihugu.

Muri ico kiganiro, yemeje ko abo barwanyi biyita ingabo za Califat (Califate Army) barwanira mu karere k'uburaruko bwa Mozambique bava mu bihugu bitandukanye.

Ati: "Twasanze muri abo barwanyi harimwo abanyarwanda, abaganda, abarundi, abakongomani, aba Tanzania, bose barimwo".

Avuga ko igihe bomora aba barwanyi batoye amakuru menshi, impapuro nyinshi zibaha amakuru kuri izi nyeshamba.

Mw'ico kiganiro Perezida Kagame yabajijwe imvo zatumye u Rwanda rurungika ingabo muri Mozambique, nimba hari amasezerano yabaye hagati ya Mozambique n'u Rwanda, nimba rwarungitse ingabo ku mfashanyo y'u Bufaransa canke ikompanyi Total ricukura umwuka (gas) mu karere kahegereye ka Palma.

Perezida Kagame yishuye ko u Rwanda rwarungitse ingabo zarwo rubisabwe na reta ya Mozambique mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c'umutekano mu karere kari kiziziwe n'abarwanyi.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Ati: "Twaremeye ubusabe bwa Mozambique turemera kuja gufasha kubohoza ako karere, kandi igice kinini, nimba atari cose carabohowe, ubu abanyagihugu bakaba bariko barasubira mu buzima busanzwe buke buke".

Avuga kandi ko ata mfashanyo n'imwe bahabwa muri iki gikorwa bagiyemwo muri Mozambike, ko bakigiyemwo bakoresheje uburyo bw'u Rwanda gusa.

Ati: "Gushika ubu, dukoresha uburyo bwacu. Dufise uburyo bwiza twiteguriye mbere no gusangira n'incuti n'abagenzi. Nta n'umwe afashe mu mugongo ibi bikorwa vyacu vya gisirikare".

"Ibi ndabivuze ndi imbere ya za camera, nimba hari uwuvuga ati oya oya, uriko urabesha, twaraguhaye amafaranga yacu, n'aze abivuge, ni uburenganzira bwiwe".

Perezida Kagame avuga ko hari vyinshi vyavuzwe kw'irungikwa ry'ingabo z'u Rwanda muri Mozambike, bamwe bibaza igituma u Rwanda rwarungitse ingabo muri Mozambique, igituma rwihuse kuzirungika imbere y'ibindi bihugu, n'ibindi vyinshi.

Kubw'iwe, ni ibintu bitangaje kuko iyo umuntu asavye ubufasha nta kwidogera umuntu ngo yashitse kare.

Ati: "Ni co kimwe n'igihe inzu y'umubanyi iriko irasha akaba ariko aratabaza. Sindigera numva aho uwashitse gutabara ubwa mbere yidogerwa ngo 'kubera iki wihuse gufasha kuzimya umuriro'. Si ndigera ndavyumva ariko kuri twebwe biriko biraba ".

"Ariko ndazi igituma, ikintu ico ari co cose u Rwanda rukoze cama gitera ibibazo, turiko turabimenyera. Twebwe twagiye gufasha, nta zindi nyungu twagiye kuronderayo".

Abajijwe nimba u Rwanda rushobora kurungika izindi ngabo, yishuye ko ubu ata kintu cerekana ko ari ngombwa, ariko ko mu gihe vyokenerwa ko coba ikibazo cokwihwezwa.

Ati: "Gushika ubu ntitubona ko bikenewe, na rirya hari izindi ngabo za SADC zamaze gushikayo, kandi n'izindi zishobora kurungikwayo".

Avuga kandi ko gushika ubu ingabo z'u Rwanda zikorana neza n'iza SADC zimaze kurungikwayo, ko mu gihe hoba utubazo twokwaduka kubera akahise k'ibihugu n'ibindi, canke inyungu za bamwe n'abandi twotorerwa muti ata ngorane.

Perezida arishimira ibimaze gukorwa n'ingabo z'u Rwanda muri Mozambique, kuko zashoboye kugarura akarere kari kamaze kwifatirwa n'abo barwanyi ka Cabo Delgado, mbere bakaba bariko bategura no kuja kwifatira iyindi ntara.