Igitigiri ca mbere kinini c'abaharanira ibidukikije bishwe

  • Yanditswe na Claire Marshall
  • Uumunyaakuru wa BBC ku bidukikije
Fikile Ntshangase

Ahavuye isanamu, Rob Symons, All Rise

Insiguro y'isanamu,

Umunya-Afrika y'Epfo aharanira ibidukikije Fikile Ntshangase yishwe arashwe i muhira iwe

Igitigiri ca mbere kitari bwigere gishikwako c'abaharanira gukingira ibidukikije n'uburenganzira ku butaka barishwe mu mwaka uheze , nk'uko biri mu cegeranyo c'ishirahamwe ribikurikirana.

Abantu 227 barishwe mu bice bitandukanye vy'isi , kikaba arico gitigiri ca mbere kinini kimenyekanye ata wundi mwaka uhaciye, nk'uko biri mu cegeranyo ca Global Witness.

Hafi ica gatatu c'izo mpfu vyavuzwe ko zifitaniye isano no guca ibiti, kwimba ubutare, uburimyi bw'urudandazwa, ingomero zo gutanga umuyagankuba n'ibindi bikorwa remezo.

Ico cegeranyo cise abishwe "abagwanira ibidukikije" bishwe bahorwa gukingira amasoko kama akeneye kubungabungwa , harimwo amashamba hamwe n'amazi.

Kuva habaye amasezerano ya Paris ku bijanye n'ihindagurika ry'ibihe yashizweko umukono mu 2015, iryo shirahamwe rivuga ko muri rusangi abantu bane baharanira ibidukikije bishwe buri ndwi.

Rivuga ko iki "gitigiri gishegesha" gishobora kuba kiri munsi y'ico ukuri kubera intambamyi ku banyamakuru n'ubundi burenganzira bwo kwishira no kwizana.

Ahavuye isanamu, Instituto Socioambiental Handout

Insiguro y'isanamu,

Kwimba ubutare ni kimwe mu bisata bigendana cane n'ubugizi bwa nabi ku bantu bagerageza gukingira ubutaka bwabo

Uguca ibiti nico gisata ca mbere mu kugira isano n'abishwe ku bantu 23 - mu bitero vyabereye muri Brezil, Nicaragua, Peru na Philippines.

Abasangwabutaka, akenshi ari nabo usanga imbere ku bijanye n'ihindagurika ry'ibihe, bagize ikindi ca gatatu c'abishwe. Muri Colombie niho hambere habaye ibitero vyinshi aho abantu 65 bishwe mu mwaka uheze.

'Umutwaro urengeye'

Umwe mu barongoye Global Witness , Chris Madden, yasavye ama reta gufata nkama ikibazo co gukingira abagwanira ibidukikije. Yavuze ati amakompanyi ategerezwa gutangura "gushira imbere abantu n'isi imbere y'inyungu" canke aca agabisha ko "guhugabanya ikirere n'ubwicanyi" bizobandanya.

"Aya makuru twegeranya yibutsa ko kugwanya akaga k'ihungabana ry'ibihe bifise umutwaro urengeye kuri bamwe bamwe , bashira ubuzima bwabo mu kaga kugira bakingire amashamba, inzuzi, ibinyabuzima n'ibitari ibinyabuzima bikenewe kugira ngo hirindwe ukwiyongera kw'ubushuhe. Ibi bitegerezwa guhagarara".

Ahavuye isanamu, Reuters

Iryo shirahamwe risaba ama reta kwemeza ku mugaragaro agateka ka zina muntu ko kuba ahantu hashobora kuguma haroranye kandi h'amagara meza , n'ukwiyemeza ko mu nama ku bidukikije izoba mu kwezi kwa cumi na rimwe, COP26, ugukingira uburenganzira bwa zina muntu bizohabwa ikibanza.

Mu kwishura, umukuru wa COP26 Alok Sharma yabwiye BBC ko "yashize imbere guhura n'abantu baza imbere mw'ihindagurika ry'ibihe, "kugira amajwi yose aze yumvwe."

'Yararashwe arapfa mu cumba ciwe'

Abagandaguwe barimwo umunya-Afrika y'Epfo Fikile Ntshangase, w'imyaka 65, yari mu matati y'amategeko ajanye n'ukwagura ahimbwa ubutare na Tendele Coal hafi ya Somkhele mu ntara ya KwaZulu-Natal. S Yarashwe ari mu cumba iwe .

Ahavuye isanamu, THOM PIERCE

Insiguro y'isanamu,

Malungelo Xhakaza, umukobwa wa Fikile Ntshangase

Umukobwa wiwe , Malungelo Xhakaza, w'imyaka 31, yavuze ko "urugamba rwa nyina n'ubu rubandanya." Yavuze ati: "Gushika uyu munsi nta muntu arafatwa mu matohoza y'igandagurwa rya mama. Nta n'umwe yabibajijwe. Bisa n'uko hari umuntu ashaka ko ahimbwa ubutare hagurwa hanyuma ibikorwa bikabandanya, uko bigenda kwose."

Petmin Limited, ari nayo nyene ahimbwa ubutare ha Somkhele ibicishije mw'ishami ryayo rya Tendele Coal Mining, yabwiye Global Witness ko "yemera ko imishamirano ishobora kuba ari yo yakweze urupfu rwa Fikile." Iyo kompanyi yavuze ko "yiyamiriza cane uburyo ubwo aribwo bwose bw'intureka canke bwo gutera ubwoba " kandi ko yemeye gukorane n'igipolisi.

Ahavuye isanamu, Mexicali Resiste

Insiguro y'isanamu,

Óscar Eyraud yiciwe i muhira iwe i Mexico mu 2020

Mu bishwe harimwo kandi Oscar Eyraud Adams, yagandaguriwe Mexico mu kwezi kw'icenda mu 2020. Yariko arakora kugira afashe abasangwabutaka b'aba-Kumiai muri Baja California baronke uburenganzira ku mazi kuruta uko vyari bisanzwe.

Global Witness rivuga ko abaharira gukingira ibidukikije bakigeramiwe barimwo ababa muri Guapinol muri Hunduras, aho abantu baharurwa mu mirongo bagize igihe bakora imyiyerekano yo kwiyamiriza itangwa ry'ahantu himbwa ubutare bwa oxide de fer hatanzwe na reta kandi hari hasanzwe ari akarere gakingiwe. Abaharanira uburenganzira bavuga ko uruzi rwa Guapinol, nkoramutima nk'isoko ry'amazi, rugeramiwe. Iryo shirahamwe rivuga ko "benshi mu bahaba n'ubu bagipfunzwe."