R. Kelly ‘yarahohoteye Aaliyah afise imyaka 13 canke 14’, vyavugiwe muri sentare

  • Na Mark Savage
  • Umunyamakuru wa BBC w'umuziki
R. Kelly arriving at a court hearing in 2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

R. Kelly afotowe igihe yari yitavye intahe ya sentare mu 2019

R. Kelly yarahohoteye mu bijanye n'igitsina umuhisi yari umuririmvyi wa R&B Aaliyah igihe yari afise imyaka 13 canke 14, nk'uko umwe mu bahora ari abatamvyi biwe yabibwiye sentare.

Uwo mugore, yasuye (yatanze ubuhamvya) kw'izina rya Angela, yabwiye intahe y'urubanza rwa Kelly ko yabonye uwo muririmvyi yabaye rurangiranwa akora ibijanye n'igitsina kuri Aaliyah bari muri bisi.

Ivyo ngo vyoba vyabaye umwaka umwe imbere y'uko Kelly yubakana mu buryo bunyuranye n'amategeko n'uwo muririmvyikazi, igihe yari afise imyaka 15.

Kelly, w'imyaka 54, arahakana ivyo yagirizwa vyose.

Birimwo icaha kimwe c'imirimo iciye mu nzira z'ubukozi bw'ikibi - kimuvuga nk'uwari kw'isonga ry'ibikorwa vyari bifise intumbero igaragara yo "guta mu mutego abagore bakiri bato n'abakobwa b'imiyabaga" ku mvo z'imibonano mpuzabitsina.

Yanagirijwe ivyaha umunani vyo kurenga ku mategeko abuza urudandazwa rushingiye ku gitsina.

Uwo muririmvyi, ku mazina yiwe yose ni Robert Kelly, ntiyagirizwa gusambanya ku nguvu canke kuburabuza, ariko abashikirizamanza barafise uburenganzira bwo kwerekana ivyemeza ivyaha bishoboka vy'ukwagirizwa imirimo iciye mu bukozi bw'ikibi, hatarabwe igihe vyabereye.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Aaliyah yaguye mw'isanganya ry'indege mu 2001

Ivyashikirijwe na Angela bishitse ku munsi ugira 15 w'urubanza ruriko rurabera Brooklyn i New York.

Niwe yari uwagiriza Kelly agira cumi, akaba yavuze ivyari bimaze kuvugwa n'abandi vy'ihohotera rishingiye ku gitsina ku muntu agifise imyaka y'umwana.

Yavuze ko yatanguye kugira imibonano mpuzabitsina na Kelly mu 1991, igihe yari akiri kw'i shure.

Bahuriye mu giteramo mu nzu iwe igihe yari afise imyaka 15. Hari igihe kimwe, nk'uko yabivuze, yamutumiye kwinjira mu cumba c'uburyamo hanyuma amubwira "kwurira ngo ndamuje hejuru". Yaragonanywe, ariko mu nyuma aremera hanyuma bagirana imibonano mpuzabitsina.

Kelly mu nyuma yamutumiye ngo aje mu bamuherekeza iyo agiye kuremesha ibiteramo.

Yavuze ko uwo muririmvyi hari igihe yashira igitutu ku bamwegereye kugira ngo bagirane imibonano mpuzabitsinna nawe, kandi agahana abadakurikiza ivyo yababwiye.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Uwo yahoze ari umutamvyi azwi nka Angela yashushanijwe n'umucafyi wa sentare

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Ivyashikiye Aaliyah vyabaye mu 1992 canke mu 1993, igihe Angela n'uwundi mugore akiri muto bafata ingingo yo kuja gukanga Kelly, nk'uko yabibwiye sentare.

Amaze gusunika umwango wiwe w'icumba ukuguruka, yavuze ati: "Nabonye Robert na Aaliyah bari mu bihe vy'imibonano mpuzabitsina."

Yongerako ati: ''Naciye nugara umwango buno nyene nca nsunika umukobwa yari inyuma yanje ndamwigiza kure y'umwango."

Uwo yahora ari umutamvyi yavuze ko ivyo yabonye atigeze asubira kubivugana na Kelly.

Imigenderanire ya Kelly na Aaliyah niyo yabaye ishimikiro ry'urubanza.

Abari bamaze gusura bashikirije ko bahinduye impapuro kugirango abo babiri bagire ubukwe igihe Aaliyah atari bwakwize imyaka.

Ariko, Angela, abaye umuntu wa mbere yabwiye abashashe muri urwo rubanza ko yabonye abo babiri bari mu bikorwa mpuzabitsina.

Ivyo yavuze imbere ya sentare bitumye Aaliyah aba ariwe mugore wa mbere akiri muto Kelly yagirizwa kuba yarahohoteye.

Uwo rurangiranwa, yahavuye ava mu kwaha kwa Kelly akaba umuririmvyi akomeye ku giti ciwe, yapfuye mw'isangana ry'indege mu 2001.

Umuntu yifata.

Ku wa mbere hasuye kandi umugabo agira kabiri mu bagiriza R Kelly.

Kw'izina ritari ryo rya Alex, yavuze ingene Kelly yamufashe amajwi ahura n'abagore incuro "zidaharurwa ", rimwe na rimwe na Kelly arimwo.

N'ubwo bahura ubwa mbere yari afise imyaka 16, yavuze ko Kelly yamushizeko igitutu co kugirana imibonano mpuzabitsina afise imyaka 20.

Alex yavuze ati: "Ndibuka amvugisha, hanyuma akansoma ku nguvu anamfyeta mu maso".

Yavuze ko Kelly yamubwiye ngo "Ba umuntu yugurutse."

N'uwahoze ari umwunganizi wa Kelly nawe yasuye ku wa mbere avuga ko atigeze abona iyo nyifato yo guhohotera yagirizwa n'ayandi masura.

Ariko, Diana Copeland, yakoranye n'ico camamare imyaka 15, yerekanye ishusho yiwe nk'umuntu yari azi kwigumya, navyo bihurirana n'ivyari bimaze kuvugwa.

Urubanza rurabandanya.