Inka zamenyerejwe kugabanya imyuka yisuka mu kirere

Inka iriko iragaburirwa kubera yakoreshe toilette

Ahavuye isanamu, FBN

Insiguro y'isanamu,

Inka zahembwa ivyo kurya kubera zagiye kuganga mu kibanza bazimenyereje

Inka zishobora kumenyerezwa gukoresha ahagenewe kuganga (toilette) mu ntumbero yo kugabanya imyuka yonona ikirere, nk'uko abashakashatsi babivuga.

Mu cigwa baherutse gukora, cabereye mu Budagi, abahinga bamenyereje ivyo bitungwa gukoresha ahantu runaka iyo bishaka kuganga. Amaganga yazo aca yegeranywa akayungururwa.

Umwuka witwa ammoniac (ammonia) uva mu maganga y'inka uca uhindukamwo umwuka wonona ikirere witwa oxide nitreux canke protoxyde d'azote iyo uvanganye n'ivu.

Kw'isi yose, hafi 10% y'imyuka yisuka mu kirere ikaconona iturutse ku bikorwa vy'abantu iva mu bitungwa.

Abashakashatsi bagerageje kumenyereza inka 16 gukoreshe ikibanza co kugangamwo ciswe "MooLoo" , mw'iyororero ry'ikigo c'ubushakashatsi ca Farm Animal Biology.

Izo nka zajanwa muri urwo rugogwe rwa "MooLoo" hanyuma zigahembwa ivyo zirya kubera ziganze.

Ivyo birangiye, zaca zijanwa mu kibanza kiri impande ya MooLoo hanyuma zigahembwa kuko zijanye mu rugogwe kuganga.

Izaganga inyuma y'urugogwe zaca zimijwa amazi mu kiringo c'imisekunda ibiri.

Ku ntambwe ya gatatu yo kuzimenyereza, hongerezwa ikirere co gushika kuri urwo rugogwe, hanyuma impembo n'ibihano bikabandanya.

Haheze incuro cumi zimenyerezwa, abashakashatsi basanze inka 11 muri zo zamenyereye neza gukoresha urwo rugogwe rwo kugangamwo.

Lindsay Matthews, umushakashatsi yari muri ico cigwa yabwiye radio New Zeland ati: " Bidatevye, ku ncuro 15 gushika ku 20 zo kuganga, muri rusangi, inka zaribwiriza kwinjira mu rugogwe kuganga."

"Mu mpera, inka zitatu kuri zine zaganga gatatu kuri kane mu rugogwe."

Icigwa kivuga ko "Imitavu (inyana zikiri nto cane) zerekanye urugero rwo kumenyera rwogereranywa n'urwo abana kandi ruri hejuru y'urwo abana bakiri bato cane".

Abashakashatsi bavuga ko kureza 80% y'amaganga y'inka mu kibanza giteguye nka MooLoo bishobora gutuma hagabanuka 56% y'imyuka ya ammonium.

Bavuga kandi ko kugabanya urugero rw'amaganga aho inka ziba bizoteza imbere isuku n'ukubaho neza kwazo.