OMS - COVAX: Birakenewe ko incanco zishika mu minwe y'abari muri Afrika

Ibice 3% vy'abanye Afrika ni vyo bimaze kuronswa urucanco rwa Covid-19

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Ibice 3% vy'abanye Afrika ni vyo bimaze kuronswa urucanco rwa Covid-19

Ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi, WHO/OMS, rivuga ko ivyo amakungu yemeye vyo gutanga incanco za Covid muri Afrika bikeneye gushirwa mu bikorwa mu 'gutanga' izo ncanco kuri uwo mugabane.

Uwurongoye OMS mu karere ka Afrika Dr Richard Mihigo yabwiye BBC Newsday ati: "Twagiye tubona imihango myinshi batanga muri kahise… yose yari myiza ariko ico dukeneye cane n'uko incanco zishika mu minwe y'abantu bari ku rubuga."

Ivyo bivuzwe mu gihe Onu isigura ko uko ibintu vyifashe ari nko 'kwitako umwikomo', mu gihe abarenga ibice 90% vy'abanye Afrika bataracandagwa.

Ashikiriza ijambo inama ya bose kuri uyu wa mbere, umunyamabanga mukuru wa Onu, António Guterres yagize ati: "N'ibiterasoni. Twaratoye ubuhinga bwo gupima. Ariko turi ku rudome F uravye inyifato."

Dr Mihigo avuga ko Afrika yavyifashemwo neza mu gusaranganya incanco nke yaronse, n'aho zimwe zashitse hasigaye akanya gato ngo zirenze ikiringo.

Abategetsi ba OMS bavuga ko umugambi mpuzamakungu wa Covax wo gutanga incanco, ufise intumbero yo gufasha ibihugu bikenye, wagenze neza n'aho utashoboye kuronka incanco zikwiye.

Umugambi wa Covax watanze ibice 37% vy'incanco imiliyoni 177 zatanzwe muri Afrika, izindi zikaba zabonetse biciye mu migenderanire n'imfashanyo zivuye ahantu hatandukanye.

Dr Mihigo yateye akamo ibihugu gushigikira uwo mugambi mu gucisha imfashanyo yavyo muri Covax.