Burundi: Francine Niyonsaba yakiriwe nk’intwari i Bujumbura ashikanye umuhigo w'isi

Francine Niyonsaba
Insiguro y'isanamu,

Francine Niyonsaba yaciye umuhigo ku metero 2000 mw'ihiganwa Continental Tour Gold riheruka kubera i Zagreb mu gihugu ca Croatia

Francine Niyonsaba, umugore anyaruka cane kurusha abandi ku isi mu imetero 2,000 yatewe iteka n'abantu isinzi ubwo yari ashitse ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Bujumbura uyu munsi kuwa gatatu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yagize ati: "Ndumva yuko nakoze ibisadanzwe ... nanjye ubu ndavuga ko ntasanzwe ku isi."

Nubwo haherutse kuvugwa ibitero ku kibuga c'indege ca Bujumbura, n'amagrenade yatewe ku wa mbere muri ico gisagara, abantu benshi cane baje gutera iteka Francine Niyonsaba ku kibuga c'indege no ku mabarabara ya Bujumbura.

Mu ndwi iheze i Zagreb muri Croatia Niyonsaba yanditse amateka mu gusiganwa 2,000m aho yaciye umuhigo ku isi akoresheje iminota 5:21'56''.

Francine Niyonsaba w'imyaka 28, ari mu banonotsi benshi babujijwe guhiganwa ku metero hagati ya 400 na 1,500 kubera ko baremanywe imisemburo (testosterone) myinshi.

Abo mu ntara y'iwabo, ku kibuga c'indege bari bafise icapa canditseko ngo "Abanya Ruyigi n'Abarundi twese turaguhaye ikaze kandi turagukeje kw'iteka waraye uteye igihugu cacu n'intara".

Niyonsaba yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Ni amateka, ni umugisha ku Burundi kuba mvuye mu mahanga aho nari maze iminsi guhiganwa mu bihugu bitandukanye".

Yababariye uko yagiye asiganwa ahereye muri Amerika, mu Bufaransa, mu Bubiligi, mu Busuwisi, Croatia na Espagne.

Ahavuye isanamu, Social Media

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Ati: "Aho hose nagiye ndaca nongera ntsinda, kwari ukongera amanota ashobora kunshikana muri finale kugira mpiganirwe iki gikombe mubona natsinze mu 5000m [Diamond League i Zurich] akaba ari igikombe kidasanzwe. Ni igikombe gitashe ubwa mbere mu Burundi, ni umugisha ku muryango, ni umugisha ku gihugu ciwanje."

Niyonsaba avuga ko atagarukiye aho kuko yagiye muri Croatia aho yaciye urya muhigo w'isi.

Ati: "Ababonye uko nakoze ihiganwa barabonye yuko ubu umurundikazi ari we afise umwanya w'uwunyaruka kw'isi ku metero 2,000 mu minota 5 amasegonda 21 n'ibice 56.

"Ivyo ntivyari bwabeho ngaha kw'isi, ni record mondial itashe mu Burundi kuva bwitwa Uburundi."

Francine avuga ko vyamunezereye rwose kubona abarundi bo mu gihugu no mu makungu bose baranezerewe n'intsinzi yiwe.

Ati: "Ivyo bikantera intege bikantera kwishima. Ndumva yuko nakoze ibidasanzwe kandi koko nyene ivyo nakoze ntibisanzwe, nanje ubu ndavuga ko ntasanzwe ku isi."

Francine avuga ko ibi ari intango kandi bitumye agiye gukora gusumba kuko ashaka kwongera kunezereza abarundi umwaka uza.

Ati: "Nozonezerwa cane umwaka uza ngarutse mfise igikombe nk'iki muri shampionat du monde izobera muri Amerika, nkashobora guha umunezero Abarundi".