Urucanco HPV rugabanya kanseri y'ubwinjiriro bw'igitereko gushika hafi kuri 90%
- Na James Gallagher
- Umunyamakuru w'amagara na science

Ahavuye isanamu, Getty Images
Urwo rucanco rwa human papillomavirus (Virus du Papillome Humain), canke HPV/VPH, mu mpfunyapfunyo, rugabanya ivyago vyo kurwara kanseri (cancer) y'ubwinjiriro bw'igitereko (canke y'inkondo y'umura) gushika hafi 90%, nk'uko vyerekanwa n'ibiharuro vya mbere bivuye mu bushakashatsi ku barutewe.
Ikigo c'ubushakashatsi bwa kanseri mu Bwongereza cavuze ko ivyatowe ari "imboneka rimwe", kandi ko vyerekana ko urwo rucanco ruriko rurarokora ubuzima.
Hafi kanseri zose z'ubwinjiriro bw'igitereko ziterwa n'imigera (virus), kandi vyizewe ko ugucandagwa bishobora guca iyo ndwara burundu.
Abashakashatsi bavuga ko kuba urwo rucanco rukora neza bisigura ko abazoba bararuronse bashobora kudakenera kwipimisha iyo ndwara kenshi.
Indwara ya kanseri y'ubwinjiriro bw'igitereko iza ubugira kane muri kanseri zikarira cane abagore kw'isi, ikaba yica abashika 300.000 buri mwaka.
Hafi icenda kuri 10 mu bo yica bari mu bihugu vy'amikoro make n'ayabayabaye aho usanga uburyo bwo kwipimisha kanseri y'ubwinjiriro bw'igitereko atari ikintu coroshe kuronka. Vyizewe ko urucanco ruzogira ingaruka nini gusumba muri ivyo bihugu kurusha mu bitunze cane nk'Ubwongereza.
Ibihugu birenga 100 biramaze gutangura gukoresha urwo rucanco mu mugambi wa OMS wo gushika kw'irandurwa ry'iyo kanseri y'ubwinjiriro bw'igitereko.
Mu Bwongereza, abakobwa bahabwa urucanco ku myaka iri hagati ya 11 na 13 , bivanye n'aho baba. Urwo rucanco rurahabwa kandi abahungu kuva mu 2019.
Ivyavuye muri ubwo bushakashatsi, vyashizwe mu kinyamakuru ca Lancet, bwakurikiranye ivyashitse kuva urwo rucanco rutewe abana b'abakobwa mu Bwongereza mu 2008.
Abo banyeshure ubu barakuze bageze mu myaka ya 20. Ubwo bushakashatsi bwerekana ko hagabanutse ugukura ushobora kurwara kanseri hamwe n'igabanuka gushika ku 87% kuri kanseri y'ubwinjiriro bw'igitereko.
Iryo gabanuka ntiryabaye rinini cane ku miyabaga ikuze gusumba yahawe urwo rucanco mu mugambi wo gucandaga abatari baruronse hakiri kare.
Ibi ni ukubera abayabaga bakuze gusumba babaye bake mu kwemera kwiteza urwo rucanco kandi ivyiza kwari uko baruronka bataratangura ubuzima bw'imibonano mpuzabitsina.
Ariko ibijanye n'urucanco rwa HPV ntibirangiye. Haracari ibibazo vy'ukumenya umwanya ubudahangarwa bumara no kumenya niba hakenerwa urundi rwo kubukabura.
Hari kandi ubwoko bwa virus (imigera) za papillome y'umuntu (Virus du Papillome Humain) burenga ijana.
Ubwongereza bwatanguye gukoresha urucanco rukingira zibiri muri zo bukaba bwimirije gutangura gukoresha urukingira icenda, harimwo ibiza imbere mu gutera indwara zifatira mu bice vy'igitsina zitwa genital warts mu congereza canke verrues génitales mu gifaransa.