‘Ndi umukinyi wa mbere mwiza kw’isi wa goalball'
‘Ndi umukinyi wa mbere mwiza kw’isi wa goalball'
Umukinyi wa Turkia wa goalball Sevda Altunoluk arashima ugushigikirwa kw’abantu bafise ubumuga bwo kutabona mu kubatera intege muri izo nkino z’ababigize umwuga. Goalball ni urukino aho umugwi w’abantu batatu bafise ubumuga bwo kutabona neza canke impumyi batera umupira urimwo inkengeri mu kayungiro k’abo muhanganye. Avugana na BBC 100 Women, yavuze ko vyari ngombwa gucira inzira abandi bantu bafise mwene ubwo bumuga. Sevda amaze kuba umukinyi wa mbere yinjije ibitego vyinshi mu mahiganwa menshi mpuzamakungu, aratsindira imidari mu nkino za Buraya no kw’isi. Yarabaye kandi uwa mbere mu nkino za Paralympic, aratsindira umudari w’inzahabu ari kumwe n’umugwi wiwe I Rio 2016 na Tokyo 2020. Komite ya Paralympic yamwise “umukinyi wa mbere mwiza kw’isi”, inyuma yo kurangiza ari we atsinze ibitego vyinshi I Tokyo, aho yinjije 46 vyose – akaba ari umwe mu bagore 100 ba BBC 2021. Vedo yatunganijwe na by Efe Türkyılmaz, Fundanur Öztürk, Cagil Kasapoglu.