Jacob Zuma: Urukiko rwategetse ko uwahoze ari Perezida wa South Africa asubira muri gereza

Uwahoze ari Perezida w'Afurika y'epfo Jacob Zuma, aha yari mu rubanza rwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Jacob Zuma yafunguwe mu kwezi kwa cyenda ku mpamvu z'uburwayi butatangajwe

Urukiko rwo muri Afurika y'epfo rwanzuye ko Jacob Zuma wahoze ari Perezida w'iki gihugu akwiye gusubizwa muri gereza, ruvuga ko gufungurwa kwe ku mpamvu z'uburwayi "kwanyuranyije n'amategeko".

Igihe amaze hanze ya gereza ntigikwiye kubarirwa mu gifungo cy'amezi 15 yakatiwe, nkuko byategetswe n'urukiko rwo mu murwa mukuru Pretoria.

Zuma yarekuwe ku itariki ya 5 y'ukwezi kwa cyenda ku mpamvu z'uburwayi butatangajwe, ariko itangazo ry'abakuru ba gereza ryavuze ko yafunguwe hagendewe kuri raporo ya muganga.

Zuma yarabazwe (yarakozwe mu Kirundi) nyuma yuko afunzwe.

Mbere yuko afungurwa yari afungiye muri gereza ya Estcourt Correctional Centre, mu ntara ya KwaZulu-Natal.

Uyu mugabo w'imyaka 79 yishyikirije polisi mu kwezi kwa karindwi uyu mwaka, nyuma yuko abamushyigikiye bari bavuze ko bahangana n'abashinzwe umutekano bakababuza kumufata.

Ariko gufungwa kwe, kutari kwarigeze kubaho mbere ku wahoze ari Perezida w'Afurika y'epfo, kwateje imyigaragambyo n'ibikorwa by'ubusahuzi byiciwemo abantu barenga 300.

Nubwo mu 2018 yakuwe ku butegetsi n'ishyaka rye rya African National Congress (ANC), yakomeje kugira abamushyigikiye, by'umwihariko aho avuka mu ntara ya KwaZulu-Natal.

Zuma yakatiwe igifungo ku itariki ya 29 y'ukwezi kwa gatandatu kubera kwanga gutanga ibimenyetso mu iperereza kuri ruswa yo mu gihe cy'imyaka icyenda yamaze ku butegetsi.

Yatanze ubuhamya inshuro imwe gusa mu cyamenyekanye nko "kwigarurira leta" ("state capture") - bivuze kunyereza umutungo w'igihugu.

Abanyemari bashinjwe kugambana n'abanyapolitiki mu ifatwa ry'ibyemezo mu gihe yari akiri ku butegetsi. Zuma yakomeje kuvuga ko nta kindi azira kitari ubugambanyi bwa politiki bwo kumwibasira.

Byitezwe ko ajuririra icyo cyemezo cy'urukiko.